Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uganda : Igiporisi cataye muri yompi Kiiza Besigye ahiganwa na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Igiporisi cataye muri yompi Kiiza Besigye ahiganwa na (...)

Uganda : Igiporisi cataye muri yompi Kiiza Besigye ahiganwa na Museveni

lundi 15 Ruhuhuma 2016, par egide

Uwuzoserukira umugambwe FDC mu matora y’umukuru w’igihugu muri Uganda, Kizza Besigye yatawe muri yompi, mu gihe yariko aja mu bikorwa vy’ukwiyamamaza, mw’ibarabara rya Jinja, mu gisagara ca Kampala.

Amakuru dukesha ibinyamakuru vyo mu gihugu ca Uganda amenyesha ko mu gihe abashigikiye Kiiza Besigye bashamirana n’abajejwe umutekano, abaporisi babateye ivyuka bikoroza amosozi, kugira babashwiragize, ivyo bikaba vyahungabanije ibikorwa vy’abadandaza mu gisagara ca Kampala, bamwe muribo bakab baciye bugara amaduka yabo, abagenda n’amaguru nabo batangura kwiruka.

Kizza Besigye yagirizwa ko yiyamamaza amasaha amategeko arekura yaheze

Uwo atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Uganda, Kizza Besigye aheruka kwiyamamaza hafi asaha zitatu n’igice z’ijoro, mu gihe abiyamamaza mu matora y’umukuru w’igihugu batemerewe kurenza isaha cumi na zibiri z’umugoroba.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku mugoroba wo kuri uwu wa gatandatu, umuyobozi w’igiporisi ca Uganda, Général Kale Kayihura yasavye Kizza Besigye guhagarika kwiyamamaza, ivyo yise ko binyuranye n’amategeko hamwe n’amabwiriza y’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora muri Uganda.

Umuyobozi w’igiporisi ca Uganda, Général Kale Kayihura avuga ko mu giporisi bazi ko Kizza Besigye arondera ko igiporisi gikoresha inguvu, kugira ace abihindura imvo za poritike, avuge ko igiporisi gihohotera abantu. Uwo arongoye igiporisi avuga ko bari bamaze iminsi bacisha make, ariko ati : «Ubu tugiye gukurikiza amategeko.»

Kizza Besigye apfungiwe mu gasho k’igiporisi ca Kira.


IGIHE

Messages

  • museveni icyo mukundira akubita abashenzi nta gufyinyata apana Nkurunziza uborohera kugeza bamusanze munzu yiwe. mwumve amakungu avuge!!!

  • @ Pigapiga urihenda Museveni we arabafunga ariko Nkurunziza arabagandagura buri munsi

  • ooooohh yes nguwo museveni umuhuza wabarundi nu burundi.

  • piter yarirereyeko imbwebwe raba museveni wewe aha bwa nyangoma,bwa pasifike bwa vitari bwa lewosi nubundi amatora yarikuba buri mugasho canke twabuhamvye

  • KIZZABESHIRYA NIBAMUREKENANYENEYIYAMAMAZE EREGA IGIHUGUKIRARYOSHEGUTWARA

  • Aho yoyaba ari Burundi bamwetwita amakungu bababatanguye kuvugango amatora ngoniyigizwe inyuma.

  • @gipigapiga. Uri injajwa cg icyonde. None Iyo sowanyu museveni yimakaza corruption ubona ari ugutera imbere? Ayo ni amarembera ya Hima Tutsi empire. Yaba Amama Mbabazi (umugeri) cg kiza Besigye bose ni abahutu bakomoka iwacu i Rda.

  • ntawurihejuruyamategeko nimumukosore

  • @ Ruterana
    Nizere ko ibi wanditse utabyemera. Niba ubyemera ufite ikibazo gikomeye cy’imitekerereze. Iyo uvuga ngo Amama Mbabazi na Kiiza Besigye ngo ni Abahutu bi wanyu mu Rwanda wumva ntasoni zokubeshya bigeze aho. Ibyago nuko ubibwira injiji nkawe zi Burundi. Wasobanura Empire Hima -Tutsi aho iherereye muri aka Karere, uretse gushyushya abarundi umutwe ngo hari Empire ibarwanya. Ntabwo kurwanya ingabo za Nkurunziza bikeneye un Empire nabusa. Uzabaze abazi ibyi ntambara zarwanwe muri aka karere uko zagenze. Please stop this non sense or get educated before you post. Wa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.