Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ukudahuriza hamwe kwa Zuma na Hollande - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ukudahuriza hamwe kwa Zuma na Hollande

Ukudahuriza hamwe kwa Zuma na Hollande

mardi 15 Gitugutu 2013

Gukomeza imigenderanire y’ubudandaji hagati y’Ubufaransa na Afrika y’Epfo ni ikibazo ca sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI) vyoba biri muri bimwe mu biganiro vyabaye hagati ya Jacob Zuma na Francois Hollande, mu mubonano wabereye mu gihugu ca Afrika y’Epfo.

Umukuru w’igihugu ca Afrika yepfo Jacob Zuma na Francois Hollande w’Ubufaransa kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 14 Gitugutu, barerekanye ukutabona ibintu kumwe ku kibazo ca sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI), ari naco cabaye ica mbere mu vyo bagiriraniye, muri uyo mubonano bagiriraniye. Mu kiganiro bari bahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, Francois Hollande yamenyesheje ko Ubufaransa bushigikiye sentare mpuzamakungu mpanavyaha, kandi butanashobora kwemera ukudahana ivyaha na kumwe.

Yongeye ati : ‘’kugira ibihugu vyubahwe, inzira ni ukwo, ubutungane mpuzamakungu bukora kugira abagirizwa bahanirwe ivyaha baba bakoze. Ntidushigikiye ukudahana ivyaha’’. Jacob zuma nawe ati : ‘’Nta n’umwe ashigikiye inzira ijana mu kudahana ivyaha,’’kandi ‘’ntidushobora gushigikira inzira iri kubiri n’inyungu za Leta kanaka. Abantu barwana kera, ubu barasubije hamwe. Nk’abari mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, turemezanya twese dushize hamwe n’igihugu ca Kenya kugira inzira yo kuguma muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha yigizwayo.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 12 Gitugutu, ishirahamwe ry’ubumwe bw’ Afrika ryaratanganje ko rishaka gusaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU kwigiza kure ikurikiranwa rya CPI ku bategetsi bakiri mumabanga bajejwe. Umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta n’icegera ciwe William Ruto bakaba bariko barakurikiranwa n’amategeko mpanavyaha, ku vyaha vy’agahoberabunwa bagirizwa. Mu vyo basaba kandi, ishirahamwe mpuzamakungu ry’ubumwe bw’Afrika ryaribukije ubudahangarwa bukingira abakuru b’ibihugu n’abandi bategetsi mvamakungu bakiri mu mabanga bajejwe, hisunzwe amategeko y’igihugu n’imigenzo mvamakungu.

Ariko n’ubwo biruko, ukwo kudahuriza hamwe ntikwabujije GDF Suez na Afrika y’Epfo gusinya amasezerano ajanye n’iterambere ry’ubutunzi be n’gisata c’amasoko ntanganguvu, aho hateweko umukono ku cegeranyo c’amafaranga atari make agera ku miriyaridi 5 zirenga z’amafaranga y’amanyaburaya. Mwokwibuka ko migenderenire iri hagati y’igihugu ca Afrika y’Epfo n’igihugu c’Ubufaransa, ihagaze neza, kuko igihugu c’Ubufaransa kigira ic’icenda mu gukorana Afrika y’Epfo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.