Accueil > Amakuru > umutekano > Umuduga waturiwe muri komine ya Kanyosha
Umuduga waturiwe muri komine ya Kanyosha
lundi 25 Rusama 2015
Imyiyerekno yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Peterp Nkurunziza yasubiye kwibonekeza mu makomine amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura, inyuma y’iminsi ibiri y’akaruhuko.
Muri komine ya Kanyosha, umuduga utwara abantu waturiwe hagati y’ibarabara rya mbere n’irya kabiri. Uwo muduga ukaba wari wazindutse kugira utware abariko baja ku buzi bwabo. Abari muri wo, co kimwe n’uwugendesha, bose bakaba bakuwemwo, uca uraturirwa.
Mu Bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura rero, mu makomine ya Musaga, Kanyosha na Kinindo, abari mu myiyerekano, bakaba bazindutse baturira amapine y’imiduga mw’ibarabara. Abasirikare nibo baboneka ku bwinshi hagati mu makaratiye mu gihe abaporisi nabo bari ku ntango z’amabarabara.
Twobamenyesha ko nko muri komine ya Kanyosha ahavyutse humvikana amasasu menshi, abanyagihugu basabwe n’abasirikare kuziburura amabarabara bazibije ibiti n’amabuye eka n’umuriro, abo nabo baranka. Abasirikare, bakaba bariko bagerageza kuzibura ayo mabarabara, n’aho amabuye ari menshi co kimwe n’ibiti.
Aristide Nizigire
Messages
25 Rusama 2015, 11:48, par emma
emma, jewe ndateye ivyatsi iyonyifato yo guturira ivyabantu baruhiye, kandi ni bareke konona ntaco bimaze amatora azohera twongere tubane guturira abantu nimiduga siyo nyishu ahubwo bariko bashavuza abandi ni babandanye ugwaruka nirureke guhendwa
25 Rusama 2015, 12:16, par jiridos
ndateye ivyatsi izombura kimazi zihendwa nabantu bamwe bamwe bo mumashiramwe vital pacifiqwe mbonimpa na leonce bahagarik ivyobintu kuko bariko barihenda kand amatora azoba.mbe iyo miduga baturira bamdnye ko ubutungane buzokora nukur ndasavye bahagariko iyo migumuko ntayind nzira ataramatora ndabateye ivyatsi
25 Rusama 2015, 12:38, par bijey RWANDA
ITEKEREZO CYANJYWE NICYI NIBAREKE KWIRWA NIRIRA BARINDIRE ICYO IMANA IZAKORA KUKO NIZIBIKA ZARAMATI KANDI SIKOBIZAHORA ASATE?
25 Rusama 2015, 12:47, par Ben.niy
courage.abafise imiduga bayigumize mu mpango kugira bifatanye nabandi uwase kumva iturirwe.
25 Rusama 2015, 13:18, par muco
Mwe mutera ivyatsi abaturira, ivyo muvuga nivyo. Ariko ko mudatera ivyatsi abirirwa barica abana b’abantu?
25 Rusama 2015, 13:33, par mutabazi
Ayo mabandi abuza abantu kujya kutuzi twabo kuki batayarohamo za grenade . Nkurunziza yagombye kureka kugirira izo mburagasani i Kigongwe
25 Rusama 2015, 13:55, par sabushimike athanase
aha ntaco umwana wumuntu yobivugako sauf imana yonyene ikwiye kugra ico ikora.kubera uburundi bugeze kumusozo.
25 Rusama 2015, 14:15, par kiki
jewe ndimwo mu myiyerekano, mwadutera ivyatsi mwareka ntibidufata kuko si twe twategerezwa ku bitegwa ni pitapita yategerezwa ku bitegwa na bariko baramuhenda bose kuko ubu biraboneka ko atariwe afata ingingo uko tumubona nuko turonka amakuru yiwe ntavyo yoshobora. rero ku neza yanyu ejo mardi mugume imuhira bantu mwese mu cidadira ngo muja ku buzi, imodoka nazo mutazihimvye muzibike aha twese turazifise ariko tuzishuhiriza mu hira kandi n’ubuzi turabufise turabusiba kandi nta kibuzako umunsi twashitse iyo twifuza tutazonusubirako namwe mwigira abahinga mukaboneraho. sindi umuja.
25 Rusama 2015, 15:33, par Bernard
Ahubwo Abantubongaho I Bujantibagikundamagarayabo.Letanirabeigikwiye.
25 Rusama 2015, 15:35, par Bernard
Ahubwo Abantubongaho I Bujantibagikundamagarayabo.Letanirabeigikwiye.
25 Rusama 2015, 15:35, par Bernard
Ahubwo Abantubongaho I Bujantibagikundamagarayabo.Letanirabeigikwiye.
25 Rusama 2015, 16:10, par Acteur
Ahubwo banyen’imiduga nibazishire mumpango bace banahagarika kuriha namakori yose. Kuko birababaje kubona ibintu biturirwa namantu bakicwa bunyamanswa atacamira. Nta asirance nta butungane nta mategeko mugihugu:( uburundi busigaye bur’isoko gyamaraso ya bantu:(😂
25 Rusama 2015, 17:07, par Keza Gislene
Je suis fortement préoccupé par l’ avenir de ces jeunes. Est-ce qu’ ils seront redressés??? Ils sont déjà affectés d’ une façon psychotraumatique. Ils ne pourront plus suivre les études par manque de concentration, ils vont bientôt s’ attaquer à leurs parents et demain ils seront des gangs des terroristes.
Je crois qu’ il ya d’ autres façon d’ arreter le 3 mandat sans compromettre l’ avenir de toute une jeunesse. N
25 Rusama 2015, 21:08, par jean pierre
Ivyo bintu biriko birononekara n’abariko baricwa ama commissions yashinzwe akore amatohoza tuyasavye kubikora neza ababahamagariye mw’ibarabara bazokurikiranwa n’ubutungane bitebe bitebuke!!!
25 Rusama 2015, 23:13, par Dusabumukama Fulgence
Ivyuburundi Biragoy Kk Twese Turi Basumrinda Rr Twosenga
26 Rusama 2015, 10:05, par LAMBERT
Ibi vyose biraba igihugu cose.sinumva ukuntu umuntu yobona tumerewe uku.ugaca ufata imodoka ngo genda mwibarabara
26 Rusama 2015, 10:58, par Dieudonne
ndababwire ukuri ,ntakidahera kandi ntakitazohinyuka reka gusa ukuri kuje ahabona
26 Rusama 2015, 20:11, par Blue Bird
Mwese muvuga ngo : SINDUMUJA,muri abaja ba satani.Muti gute twoba turi abaja kandi turiko duharanira uburenganzira bwacu´.
1.Abaja b’Imana aribo bana b’Imana bagira ukwihangana,
2.Abaja b’Imana ntibica,ntibaturira,ntibatukana,
3.Abaja b’Imana bumvira abaganza bakubahiriza inzego z’igihugu.
Ngiki ico abaja b’Imana bakora: Barase mu mpwemu no mukuri hanyuma ibihome vya Yeriko bikabomagurika
Imana iduharire.
27 Rusama 2015, 18:48, par Eric
Icombona.Izontumva Zigumazijamwibarabara Nizozitumahaba Umutekanomuke,ahubwo Ubunugukoreshinguvu.Kuburyo Atawuzongerakwiyumvirakuja Mwibarabara
27 Rusama 2015, 19:14, par Joel
Birababaje, Buri wese akwiye kuzirikana ko nta muntu numwe wahaye undi ubuzima ku buryo yagira ibikorwa byo kuvutsa canke kwambura undi ubuzima yahawe na Rurema. Nyamuneka nimusigeho, mugereze aho.