Accueil > Amakuru > umutekano > Umukenyezi wa Audifax Ndabitoreye ntawuzi aho yatwawe n’igiporisi
Umukenyezi wa Audifax Ndabitoreye ntawuzi aho yatwawe n’igiporisi
lundi 4 Rusama 2015
Umukenyezi wa Audifax ndabitoreye yatwawe n’umwe mu ntwazangabo mu giporisi, gushika ubu ntawuzi aho yajanywe.
Muri komine ya Nyakabiga ahari Audifax Ndabitoreye arongoye Imbono Charisme mu myiyerekano co kimwe n’abandi banyagihugu batandukanye, avuga ko umukenyezi wiwe atazi aho yatwawe, ariko uwamutwaye yari umwe mu ntwazangabo z’igiporisi. Umuduga wa Audifax Ndabitoreye ukaba wononekaye rwose. Audifax Ndabitoreye rero akaba ari umwe mu bahamagaje imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Muri iyo komine rero, abanyagihugu bakavuga ko batewe n’ibisasu ntezwaminwe, aho batatu bakomeretse, bariko baravurwa, aho batabawe n’imiduga ya Croix Rouge.
- Audifax Ndabitoreye arongoye Imbono Charisme
Abanyagihugu bo muri iyo komine ya Nyakabiga rero bakaba bashaka kwegera ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo, ari naho basanzwe batangiriwe n’abaporisi, baca baterwa ivyuka vyokera.
Aristide Nizigire
Messages
4 Rusama 2015, 16:55, par Palas
Iryo Nibara
4 Rusama 2015, 20:30, par mbonimana carlos
Uyo mukenyezi niwe ashaka ingwano nikumufunga kabisa kugumura abandi ngo baje mwibarabara ngo batere umugumuko nibo bashaka ingwano mugihugu nikumufunga kabisa
4 Rusama 2015, 21:22, par Raed
bono umugore wumuntu iyo umugabo wiw hari ivyoyagirizwa hacahafatwa we ok ivyo vyerekana ko uwagirizwa ivyo yabananiy nibakomere bakure uburundi muminwe yama shetani twararushe abicanyi ntagihugu barekuriw
4 Rusama 2015, 21:52, par karabaye
Urumusazi umusi wahohotewe uzomenyako abandibakwiye gufungwa bazira guharanira ubutenganzira bwabo.nkuruziza yahindutse nkurumbi.yitegure kuja irahe kwishura ubuzima bwabo amaz’imisi yicira mumyiyerekano
5 Rusama 2015, 11:22, par xxx
bamufat nkande?uko nukuburigwa.petero nateshwe ate,siko azi gutwara gusumvya abandi.arko amaraso yo arahuma,nawen azopfa.
13 Ruhuhuma 2016, 22:21, par Bahati
Mbegibaramugihugucuburundi Abarikobarapfabosebarikugahangakankuruziza Umuntumwe Atikize Igihugucose Ayomaraso Azomuhumirenumuryangowiwe.
24 Ruhuhuma 2016, 12:08, par niyongabo
Ndipfuzakobiri Kobirabamuburundivyohagararambegako Abantubagumabapfa Wumva Amacakubiri Azohera?
4 Rusama 2017, 12:39, par Bucanayandi Frédérick
None Umugore Yari Yakoziki Kugirango Bamutware