IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umukuru w’impunzi zo muri Sokaritiye yagandaguwe

Umukuru w’impunzi zo muri Sokaritiye yagandaguwe

lundi 9 Rusama 2016, par egide

Gervais SIMBAGOYE yarashwe ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere muri zone Kinama, komine Ntahangwa, hafi y’ishengero rya Pentecoke ryo mu Kinama.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko uwo munyagihugu yagandaguwe yarashwe n’abantu babiri bariko biyunguruza n’ipikipiki, bitwaje inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet.

Uwo yagandaguwe, Gervais SIMBAGOYE, yahora arongoye impunzi zisanzwe ziba muri karitiye ya Sokaritiye, zone Kinama, mu gisagara ca Bujumbura, akaba kandi yarigeze kuba ari mu gisirikare c’Uburundi (Ex FAB).


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.