IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umukwabu w’igipolisi ku kibanza Galérie BATA wasubiriye

Umukwabu w’igipolisi ku kibanza Galérie BATA wasubiriye

jeudi 17 Gitugutu 2013

Ikibanza benshi bita kuri Bata, mu gisagara ca Bujumbura casubiriye kwugarizwa n’abapolisi benshi bariko barafata abantu. N’aho mu gipolisi bamenyesha ko biri mu bikorwa vyabo vya minsi yose vyo kubungabunga umutekano, abanyagihugu badandariza muri ico kibanza bipfuza ko vyotunganwa ukundi kuko umwanya wose abo bapolisi bamara muri ico kibanza bibabuza kurangura imirimo.

Haraheze nk’ukwezi kurenga gato abantu bakorera mu micungararo y’ahahora isoko nkuru ya Bujumbura babonye imiduga y’igipolisi yo mu bwoko bita « Pick Up » ibashwaramwo, baca batangura gufata abantu bari bagandagaje mu kibanza benshi bita kuri « BATA » hamwe no mu micungararo yaho.
Mu gatondo ko kuri uyu wa kane, basubiriye kubona abapolisi baje ku bwinshi batangura kwuriza imiduga abo basanze muri ico kibanza.

Uwari arongoye ivyo bikorwa, Komiseri Pierre Claver Bigirimana aremeza ko ata gishasha bakoze kuko biri mu bikorwa vyabo vya minsi yose vyo kugenzura umutekano. Komiseri Pierre Claver Bigirimana amenyesha kandi ko muri ico kibanza hari abasuma bikika mu kiza, bakahazindukira kandi baba bagenzwa na tubiri.

JPEG - 48.3 ko
Komiseri Pierre Claver Bigirimana

Abanyagihugu bahakorera siko babibona. Baremera ko ugucungera umutekano n’ugutuza abasuma boba bakorera muri ico kibanza vyari vyiza, ariko ko ababijejwe bari bakwiye kuraba ukundi babitunganya. "Abo bapolisi mugufata bakoresha umwikeko. Biyumviriye ko woba uri mubo barondera baca bagufata ukaja kwumvirizwa mu gipolisi. N’aho iyo ata caha kikwagiriye bakureka ugataha, abaguzi bacu baca bamara iminsi batinya kuza muri ico kibanza." Nk’uko bibandanya bivugwa n’umwe muri abo badandaza bakorera muri Galérie BATA, abo bapolisi bamara amasaha menshi canke umunsi wose bakikuje aho badandariza, ivyo bigaca bituma bamwe mu baguzi batinya kuhatumbera. "None mwumva twoba turiko dukora gute?"

Mu gihe hari aho bafata n’abantu baje bava mu gihugu hagati bamanutse kurondera mu gisagara ivyo baba bakeneye canke abariko bivuna akanyota mu micungararo, abo badandariza mu kibanza Galérie BATA basaba ko mu gipolisi boza bumvikanye abo bashaka gufata kuko rimwe na rimwe bigaragara nk’uko boba bakorera ku mukeko, bagafata uwo biyumviriye.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.