Accueil > Amakuru > umutekano > Umunyagihugu afise uburwayi bwo mu mutwe yishe umuntu nawe baca (...)
Umunyagihugu afise uburwayi bwo mu mutwe yishe umuntu nawe baca baramwica
lundi 22 Myandagaro 2016, par
Umunyagihugu azwi kw’izina rya NINTUNZE Vianney wo muri komine Mpanda niwe yishwe kuri uwu w’Imana n’umuntu bivugwa ko afise uburwayi bwo mu mutwe azwi nawe kw’izina rya MINANI Eloge. Abanyagihugu b’aho vyabereye bavyumvise baciye bihora, bakubita uwo afise uburwayi bwo mu mutwe gishika aho apfa.
Intango ya vyose, ni MINANI Eloge afise uburwayi bwo mu mutwe yari yiriwe arahiga ko ategerezwa kurara yishe umuntu. Vianney NINTUNZE, umwe mu babanyi b’uwo muntu, yasohotse hanze, ahura nawe aca amukubita ubuhiri mu mutwe, aca arapfa.
Incuti n’abagenzi b’uwo yishwe bavyumvise baciye baja kwihora, baramukubita gushika nawe acikane, baca barahunga.
Frederic Congera, Musitanteri wa Komine Mpanda yamenyesheje ko abajejwe intwaro bahava batunganya inama y’uguhumuriza ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere, agasaba abanyagihugu kuvavanura n’ingeso yo kwihanira hamwe n’ukwihorana.
IGIHE
Messages
22 Myandagaro 2016, 14:12, par claire
ahubwo ndabemeye. kudahana nivyo vyishe iki gihugu.
22 Myandagaro 2016, 19:56, par eric
Harihageze kobihora bakingiye abasigaye
22 Myandagaro 2016, 20:46, par MISAGO MICHERI
NUWOYARIYISWE YARUMUNTUKUTIBWAVYORORA IMISEGA ARIMWEBWERERO MWAGONBABAMUREKE ZAMURAFUNGA UMWICANYI NAWE NAFE ABONABOBAHUNZE MWOBAREKA KUKO NIKIMWE KUKINDI
22 Myandagaro 2016, 21:30, par ZENAWI
IVYO NIVYO
22 Myandagaro 2016, 21:31, par ZENAWI
IVYO NIVYO
22 Myandagaro 2016, 21:48, par richard
reka uwite azoduhorer reka turindir bizoba
22 Myandagaro 2016, 23:33, par innocent
Bagize neza guhita nabo bamugiriravuba ndabashimiye kuko nundi musazi yavyumvise ntazokinisha gusara yica
23 Myandagaro 2016, 12:00, par NEYMAR JUNUA
BAGIZE NEZA NUBUNDI BOMUPFUNZE AKAMARA MUGASHO UMWANYA URUME RUMARA
30 Myandagaro 2016, 04:27, par Me
Bacoze kumukuriramwo nuwo yi she ya rumuntu.