IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gaston Sindimwo umunyamabanga mukuru wa UPRONA avuga ko yaraye (...)

Gaston Sindimwo umunyamabanga mukuru wa UPRONA avuga ko yaraye arusimvye

lundi 17 Ntwarante 2014

Gaston Sindimwo umunyamabanga mukuru wa UPRONA irongowe na Conciliya Nibigira vyavugwa ko yaraye anyurujwe n’abagizi ba nabi yasubiye kuboneka mu rugo iwe, akavuga ko yaraye arusimvye, mu gihe yatewe amagerenade abiri, aramukomeretsa, nayo umunyezamu wiwe arababara cane, ubu akaba arwariye ku bitaro vy’abasirikare mu Kamenge.

Gaston Sindimwo, avuga ko yatewe igihe c’isaha zitanu n’igice z’ijoro, abantu babiri bakaba bamuteza asohotse mu rugo, agiye gutora zimwe mu mpapuro yari yibagiriye mu muduga, baca bamutera izo gerenade, aca ahungira mu babanyi, abo bamuteye nabo, baca bamukurikiza iyindi, ica ironona imiduga ibiri yari imbere y’inzu y’aho Gaston Sindimwo asanzwe aba, mu Nyakabiga ya mbere kw’ibarabara rya 17.

Imvo za poritike rero avuga ko arizo ziri inyuma, na rirya ivyashitse vyaje mu gihe yari yiriwe arasigurira urwaruka rwa JRR ingorane ziri mu mugambwe UPRONA. Asaba abajejwe umutekano kugira amatohoza, kugira abaraye bashatse kumugandagura n’ababatumye bamenyekane. Avuga ko ari ubwicanyi, kandi ubwo bwicanyi bufatiye ku ngorane ziri muri UPRONA, aho uwo mugambwe wacitsemwo amashami, rimwe rirongowe na Conciliya Nibigira n’irindi rirongowe n’umushingamateka Karori Nditije.

Tukabamenyesha ko Gaston Sindimwo asanzwe ari umunyamabanga mukuru wa UPRONA irongowe na Conciliya Nibigira yakomeretse mu mugongo no ku kuboko, ubu akaba ari i muhira iwe, ariko umukozi wiwe, akaba ari mu bitaro, aho ariko aravurirwa.


Aristide Nizigire

Messages

  • mana fasha uburundi ubwicanyi buhagarare

  • Jewe nibaza ko ariwe yabigize uravye ayo mafoto hamwe mwokurako zirya pacement ntakiguma afise!?hamwe vyoba arivyo abA prona boba baciye ubwege aho kuguma bavuga Ngo NDUwimana bashoborA gutora umuti muzira inyaruka nkiyo yoroshe eka na wamukecuru , etc babarungitse mwijuru Nduwimana ntazobasanzayo umugambwe ,reka umuntu abe arashima kuvyabaye naho atAwuzi ko ari ukuri[birabaje kubona atapfuye yaaaaaa]mbega inkuru yariziza

  • Ushyak’ umututsi umutum’umututsi.

  • Iryo baryita irementanya. Gaston , on ne croira jamais àce que tu dis.

  • iyobumenyumwe bwarikindi.agombakorerinkonishushe abo batavugarumwe.bariyituritse acagenda bamushirireko pensement ngo yakomeretse?ararwifuza urupfu azorubona gr§nade ntayazi nabarasama azotubaze abozaciyamaguru ndamufata nkumwana arikaradada

  • Nwari you are very stupid amavya y’uwundi aryohera umugera ahubwo iyo zitegwa wewe kuko ufise ivyiyumviro bibi.gerageza ugire ivyiyumviro bizima umenyeko bipfuma biteba ariko ikinyoma kidatsinda ukuri.d’abord tues de quelle race?

  • Mari ngomba ndaguhanure kuvyo wandits utagiy lure raba izururyaw iyo riraba mumwanya utarikure cane niyo ugira uje nogusaba gutunganya ubugingo bwaw kuko umuriro urakurindiy mbega wew uryoherwa nabapfa wumva hamw imana iguhay igihugu wobigenza gut wew ukwo nkumva urikijuju can gose nama nababwiy inkuba zibiri zirwany ubwatsi nibwo buhagirira ingoran naw urubwatsi nimba usenga genda bagusenger kuko idemo nizo zigukoresha Jew ntamugambw ndimwo landing ntamunyakibi nzigera nshigikira numusi numw ndagutey ivyatsi kuvyo wandits urucira mukaso rugahitana nyoko

  • Ntwari ntiwipfurize uwundi urupfu naho yoba mubi,kuko abo bica iyo babuze uwo bica barahitana les innocents ubwo nawe muba innocents tu es incluts.Hama uwo gaston kumenya kwarikigwarudubi turabizi kandi rero nibatarukuraba nabi nabonye womenga numuhumure yahumiwe,mureke abeho,Imanaihora ihoze Gaston devra payer tres cher kuvyarikakora.

  • Hahahahaa jewe nababwiye ako kagabo kwari hatari kumitwe karagaramye aho rero kagomba kudendereza abo bitavuga rumwe::ariko politique yo muburundi iraryoshe ga yemwe

  • Ndababajwe n’iciyumviro kibi cane cashikirijwe n’uwitwa "nwari".Nagomba ndakumenyeshe ko nutihana ,wature hama Yesu aguhindure uragowe kandi ico utazi n’umusi w’urupfu rwawe kandi ntuzi ingene uzopfa.Bible ivuga ngo "Abicisha inkota bazicishwa iyindi."Reka kwipfuriza inabi mugenzawe .Nivyiza umuntu yagukoshereje kumutwara mu butunga instead of revenging.Norangiza nkubwira nti:"VA IBUJIMU UJE IBUNTU"

  • Wesha KING narakwisavye kusubira kuntuk reka ndakwishure uti ndi ikigugu ,,,,,ikigugu ninyoko yiheze akavyara ikidebire cumugabo nkawe avugaga ivyobamubaririye ahubwo ararondera uwogukwirikiza kurinyoko turabe kohovuka umugabo iwanyu

  • Nwari uwomuntu yakurondeye nashikirize iciyunviro ciwe hanyuma areke kugutuka kiramuntu wese afise uko yaremwe nubugaba bwiwe ugira uwo agututse niwe afisubwenge??niba afise ubusa nubwa Gaston nanyene ntatuke abandi.

  • Ewe sha gaston wapfubiranye wahuye numwana atazi kuyitera neza ahowakomeretse niwe wikomerekeje kubera ubukunzi bwinda uragabe iyindi ntizogusiga na konsiria.

  • Igihari ni ugusengera igihugu gosa ivyo gutuka nukwishurana nabi ntakamaro kandi dutegerezwa kuregana ibintu vyamoko ntaho bizodushikana twes turi abarundi....Imana idufashe

  • Igihari ni ugusengera igihugu gosa ivyo gutuka nukwishurana nabi ntakamaro kandi dutegerezwa kuregana ibintu vyamoko ntaho bizodushikana twes turi abarundi....Imana idufashe

  • Mbega iyo mbwa ni nde amukeneye ?Ahubwo niwe yayiteye kuko arabishoboye nakare yahora abigira. Uyo muhungu nawe nirementanya gusa agomba abatabwa mumunyoro ! UPRONA igizwe n’Abashingantahe kandi Iyo mbwa siwe aza imbere, kandi siwe abaraje ishinga kuko baramuzi ko ata jambo afise , ariko kandi barazi ko ari umugumutsi mukuru kandi atagira indero UPRONA iramuzi igihe ca Mukasi .
    Uwo we ntagowe yegamiye CNDD-FDD bazomuha aba poilici bamucungere canke Garde Presidentielle none ko ari uwabo ! Ariko arakwiye kumenya ko ubuzima bw’umuntu bucungerwa n’IMANA nayo NDUWINDA ayoboka ntaco azomumarira ! Eeeeeeh reka awote niwe yawucanye, ahubwo yayitewe n’uwiga ! ariko !!!!

  • Ivyo ninde yovyemera kandi SINDIMWO dusanze tuzi ko ari umubeshi? Iryo nirementanya. Biroroshe "gutera" grenade aho ushaka kugira wagirize abo ushaka.
    Ko yarasohotse ava munzu aband nabo bamutegereye, bari kumuhusha gute? N’imiburiburi yari gukomereka cane.

    Ivyo rero nabireke ntahave akora hasi ngo yibutse inguge ibuye. Aba DD bonyene bashobora kumwirahira, na rirya bazinanyemwo vyinshi.

  • Sha iyo misiyo yanse pe aho ugomba urondere uwu dendereza iryo bara wikoreye wew nyene sha uwaguhaye imitwe yaguhenze umunsi bizobavyo ntuzovuga wibaza abo ba dd baguhaye uwo mugambwe ataruwawe ngo bizo kwijana ahi bambewe uzoba umbwira ndaguhanure ntihagire uwo uzodendereza kuko niwa mudendereza uzo mara mara ntiwiteze urubwa iyo misiyo yireke bandanya ukorera aba dd bazoguhemba kwanza wew uri saziye sinzi ico ukirondera ngo ubutunzi vyose nivyisi ntavyo uzo mara rekera abandi ureke kuryanisha abanyu va ibuzimu uje ibuntu wiyemere ube umushingantahe wijunja nijambo,cambu ca FNL;NGO HAKO WOBA IMBWA WOBA IMVA;

  • Nababwiye ko Gaston arementanya!Ubwa mbere babeshe ngo yanyurujwe kandi yari yagiye kwiyambika ama pansements kugira abatavuga rumwe na we bahohoterwe!Ivyo vyose ni ukurondera amaronko ariko Gaston amenye ko inda ndende ihumira indya ikica akokize!Gaston ivyo ukora vyose wibuke uburundi n’ uruvyaro rwawe!!!!

  • Ico gikigabo caranyuzwe nukurementanya mbe hariwoterwaglenade agakomereka uko sha aho rero ngo urahejeje kufyigiriza vuga uwo muntu mugomba guhiohotera jkuko ntakindi ivyo bigamije turamenyereye kandi rero ubugire wandika .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.