IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umuporisi yagirizwa gushaka kurasa NDITIJE acungera umutekano wo kwa (...)

Umuporisi yagirizwa gushaka kurasa NDITIJE acungera umutekano wo kwa Gabriel NTISEZERANA

lundi 14 Mukakaro 2014

Ku munsi wa gatandatu, havuzwe amakuru ko Karori NDITIJE yahaswe kugandagurwa, aho yari mu nama y’ugutegura ikoraniro ry’umugambwe UPRONA bwaca ribera ku Mugumya. Mu giporisi bavuga ko hakiri kare kugira bagire ico bashikirije, kuko amatohoza agikorwa.

Karori NDITIJE yari mu buriro "Restaurent Empire" buri muri komine Rohero, ku mugoroba wo ku munsi wa gatandatu, igihe yabwirwa ko hahejeje gufatwa umuntu yoba yari aje kumugandagura akoresheje inkoho yo mu bwoko bwa pistolet. Uwagirijwe ni umuporisi azwi kw’izina rya Yohani Bosco NSENGIYUMVA akora mu giporisi kijejwe gucungera inzego API (Appui à la Protection des Institutions) akaba yegukira inama nkenguzamateka.

Amakuru dukura mu giporisi c’Uburundi, avuga ko mu matohoza bamaze gukora, basanze uwo muporisi yacungera umutekano wo kwa Gabriel NTISEZERANA, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi, akaba yari aje kwivuna akanyota muri ubwo bunywero, inyuma y’ugushikana muhira umwana wa Gabriel NTISEZERANA yari avuye mu myimenyerezo y’urukino rwa Tennis. Uwo muporisi yafatanwe inkoho yo mu bwoko bwa pistolet, yagirijwe ko yoba yari ku mugambi w’ukugandaura Karori NDITIJE, umukuru w’umugambwe UPRONA atemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

JPEG - 13.6 ko
Yohani Bosco NSENGIYUMVA akora mu giporisi kijejwe gucungera inzego yagirijwe ko yari afise umugambi wo kugandagura Karori NDITIJE

Nk’uko bivugwa na Helmenegilde HARIMENSHI, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, mu giporisi barabeshuza amakuru yavuzwe ko iyo nkoho itari yanditswe, bakamenyesha mbere ko nimero y’iyo nkoho yo mu bwoko bwa Pistolet ari QSZ92-90044-19, bakavuga kandi ko ivyavuzwe ko yiyemereye ko yari ku mugambi wo kugandagura Karori NDITIJE atarivyo, kuko gushika n’ubu avuga ko yariko yivuna inyota muri ubwo bunywero bwegereye ahari urugo acungera rwa Gabriel NTISEZERANA, umukuru w’inama nkenguzamateka, nk’uko tubikesha Helmenegilde HARIMENSHI, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.

JPEG - 33.3 ko
Helmenegilde HARIMENSHI, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko bakiriko barakora amatohoza, bumviriza impande zose. Mu kurindira uwo muporisi Yohani Bosco NSENGIYUMVA apfungiwe mu gasho k’ahahora BSR.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • NDITIJE BOMWOCA NGO BIMARE IKI????? ABO KOBAZICWA NINTUNTU NAKABONGE KIVYOBAKOZE!!!!!!!!! NTACO ARI UYUMUSI, NTANICO YIMIRIJE KUBA MURI 2015!!!!!! NONE WUMVA BOMWICA NGO BASHIKE KUKI????????? IPEREREZA RIRATURABIRA NEZA, NTIBAZE BASUBIRE KURONDERA IMBARUTSO NKUKO SHIBURA NA SIMBANANIYE BABIKOZE 1972 HAHAHAHAHAHA

  • None umuporisi kuba afise inkoho nigitangaza?none Nditije yabaye icuma kuburyo vyari kumunanira kumurasa?reka basha reko kwiha amenyo yabasetsi!Mbe nditije ubona ari umuntu akangitse vya hatari kuburyo bomurasa?uwo urusasi rumugiyeho rwoba rupfuye ubusa uwomukenera yomudiha imihini

  • Emwe uburundi burarwaye indwara y’amaradiyo avuga ibinyoma! Ngo uwo mupolisi yatumwe kwica; ngo yari afise inkoho itagira inomero ziyiranga; ngo yiyemereye ko yari yatumwe kwica. None ukuri ntikuriko kuramenyekana! Ikibabaje ni uko iyo ayo maradiyo bimenyekanye ko yavuze inkuru itariyo, amwe muriyo atigera saba imbabazi ngo avuge ko yihenze canke yahenzwe n’abayahaye amakuru. Turwaye tukiriko. Ariko ukuri ntikwigera gutsindwa n’ikinyoma. Ihanure maradiyo, ubu burundi mugomba guturira tububamwo twese, ni bwasha tuzobuhiramwo twese.

  • Jewikintunovugakokuriyinkuru Nsabayuko Ubutungane bwokora bwisunzeimvozamatohoza bukarabakoyobarenganwa

  • Jeweiconsaba Nukoboba,baramupfungavyagateganyo Hama Bakagira,amatohoza Hamabasanzeatakimwagira Bakamurekura,akabandanyakazikiwe Kukoubuntamuntuakirenganwa Caravuyemunzira Ivyovyarikera Nayubunamahoro Iconsaba Umuryango wuwomuporisi Nukobobandanyabihanganyebakarindira Ikivamurayomatohoza Mugabovyoseimanairabibona

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.