IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umunyagihugu yakomeretse arashwe mu myiyerekano

Umunyagihugu yakomeretse arashwe mu myiyerekano

dimanche 26 Ndamukiza 2015

Imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza yabaye ukuri kwamye mu gisagara ca Bujumbura, mu makomine amwe y’igisagara ca Bujumbura abanyagihugu bazibiye amabarabara, abandi nabo barashwe.

Muri komine ya Cibitoke, Musaga, Nyakabiga, na Bwiza aho ikinyamakuru IGIHE.bi caciye, abanyagihugu benshi bakaba bari bazibiye amabarabara n’amabuye, abandi nabo baca baraturira amapine hamwe, abandi baturiye imifuko y’iiyarara. Abo banyagihugu rero bakaba batubwiye ko bazibiye ayo mabarabara inyuma y’aho abaporisi bari batanguye kubatera ivyuka vyokera, hamwe n’ukurasa amasasu. Abanyagihugu rero batari bake, bakaba bari bacunganywe ku kajisho n’abaporisi muri ayo makomine.

Muri komine ya Bwiza ho, musitanteri w’iyo komine ari kumwe n’abaporisi benshi, tukaba twamubonye aho inyuma yiwe hari abantu baciye batangura gutanga itegeko ryo kwugara isoko yo mw’ijabe. Abanyagihugu bakaba batashaka kwugara iyo soko, aho vyaboneka ko abanyagihugu benshi bashaka kwigera ikaburimbi. Kugeza ubu rero tukaba tumaze kumenya ko umuporisi umwe yakomeretse, n’umunyagihugu yarashwe n’umuporisi, kandi uwo munyagihugu akaba yababaye cane.

Mu gisagara ca Bujumbura hagati, abanyagihugu nabo ni benshi, bambaye ivyatsi, bariko bashira amabuye mw’ibarabara, abaporisi bariko begera ariko abo ni bake, kuko benshi bari bagiye mu makomine kuzibira abanyagihugu bashaka kwinjira mu gisagara. Ubu rero hakaba hashitse ya mdoka itera amazi abantu, n’abaporisi bacunze ikibanza citiriwe ukwikukira.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mana ya Israel na Isaka na Yakobo TABARA IKI GIHUGU kura uyu muvumo w’amaraso MANA NDAGUSABYE NIZEYE

  • NIMBA ABAPORISI BANANIWE NIBAREKURE ABASODA BAKORE AKAZI

  • saba imana ihagarike imigumuko mugihugu cacu nongera mpanura banyagihugu mwibuk ibihitiye mugihugu cacu intambara ifasha bakecane kandibariya bohejura nahonyen sibose twebwebatugira ikiraro bamaraguahika kuvyobashaka ntibatwibuka mberenibo basigara badufunga cankwe bakatwica uwompanura yogirubweng uwuyitanguy siwe ayimara imana ibafashi kandi bathe ubwenge be she brikobarahunga bata ubuzi barose bigoranye Ababa bacubagiye gupyira mubuhungiro birabbaj twisubireko twoyeguhendwa imana I ampere ubwenge amen

  • Nukuri ndababaye nyakubahwa petero nkurunziza nabirabe ahezaseng imana imubwiribereye kuko niyo Yamuhetse mwishamba siryankona bavuga Kandi twese niyo tuja imana, idufashe vyisi nubusa

  • Turatey ivyatsi igipolisi c.UBurundi cananiwe kurinda abene gihugu kikaba arico kiriko kirabaturubika. kandi turiyamirije manda ya gatatu ya Nkurunziza.twarambiwe nivyiwe narekere abandi.

  • Aho kugaya umukuru wigihugu mugaye abantu biroha mimihanda batazi ico bakora ntibibagigwe ko hariho abarundi benshi turi nyuma yankurunziza.

  • Bamese barakagorwa abo bashenzi,rekura inyana zibavugutire hamwe nivyana vy’inkona

  • play god in burundi i love burund me nabandi bariho sije gusa

  • Nukuri Kubwanj Mbôa Ivyo Atarivyiza Kurasa Abantu Bari Mumyiyekano

  • BARUNDI UMWANYA MUTA MUJA MWIBARABARA TWOWUKORESHA MUGUSENGA IMANA TWOBONA IBIKOMEYE IMANA IDUKORERA.BIRATEYE ISONI KUBONA ABUBAHA IMANA MUHAMAGARIRWA KUJA MWIBARABARA KUMUSI WOGUHA ICUBAHIRO IMANA MUKAVYEMERA.MURATEYE ISONI BIGARAGARAKO ATAKINDI KIBAKORESHA ATARI ABADAYONI.MBEGA BAMWE BABAHAMAGARIRA KUGUMUKA MWUMVISE HARINUMWE YAKOMERETSE KIRETSE NYARUCARI?DUCE UBWENGE KANDI TURONGORWE NAMPWEMU WIMANA UWONAWE YUBAHA UMWANYA WOGUSENGA.

  • IMANA NIYO NKURU IVYO BIZOHERA KUKO NTAKINANIRA IMANA.

  • INYENZI Y’ISEMA YIKWEZE KU MURUNDI W’ISAKE!!!!!!ICO BARONDERA MURAYO MABARABARA BAZOKIBONA GUSA TWABONYEKO ARI BABA SANS ECHECS BO MURI 94 BASUBIRIYE NYENE KWAKUNDI NAMA PNEUS BAKORESHEJE NAYO BARI BARABITSE,ICO BOMENYA NUKO UBU TUTARI MURI 94 WURUKARISHA RURAMUMWA.KIRETSE LETA ZABAHIMA BAHANAHANA ATAMARASO ASESETSE NTAYINDI IRABAHO NONE RABA IYI NAYO BAGOMBA KUYIKURAHO ARIKO BABANJE KUMENA AMARASO.AHO NTIMWOJA MUMATORA HANYUMA MUKAREKA KUMUTORA MUGATORA UWO MUSHAKA NONE NTIMWOBA MUMUTSINZE MUTIRIWE MURAMENA AMARASO,MUMENYEKO ABA DD KUGIRA BAREKURE MUZORINDA GUKUBITA MUMUTWE ATARAHO SHAKA MUREKE.

  • YESU NI INYISHU AZISHURA.

  • Barundi, barundikazi birabaje kubona umuntu nka Pierre Nkurunziza agira ibintu nkibi. Pls ese Imana rugira vyose yogira igitanganza agapfira hejuru canke abiwe nabo bakaba impfuvyi canke agahekurwa nkuko ariko ahekura abandi. Mana dusenga tutabonana raba ingene bene Burundi bariko bapfa bangara basega uwo batoseze kubera umuja w’umujabura mboga nyaguhekurwa n’abomuhekuye ngo ni nyagupfa akabura ikimuhamba petero Nkurunziza. Mbese yemwe ko uburundi naho ari buto ntababona kure bariho bagapfuma bahirika ubutegetsi hako abantu ibihumbi bapfa bangara? Ese nyagupfa akajana n’umuryango imana yomuhamagara yemwe mbese aghitanwa n’ abo yahekuye

  • Mbe ninde yayubaha imana ku rusha nkurunziza ubona akoze iki ?? Niguhaguruka tuka mukurako ntagihugu nakimwe kimushigikiye uyo twamukuyeko pe iyo numukwara muto afita

  • UWOMU PEREZIDA AVEHO AMAHORO ABONEKE NIBA ARIWE UTEZAMAHANE

  • adolphe nshimirimana azobereka azobakubita abahe nindero
    za ntwaro zanyu za gasuzuguro nagacinyizo za bahima micombero bagaza buyoya zararangiye
    mwarariye imyaka nimyaka muratoteza abantu none mugiye gusimbira ku sunzu gy’inzu ngo mukeneye ubutegetsi dolphe kubita abo bahima ubahe nindero!!
    kugirango nejo nuwundi nasubire kutera ako kajagari
    komera kandi urambe cndd fdd

  • ayo maras ya bene burund aseseka muzoyabazwa imana niyashavura.yesu yaraducunguy heba.

  • Iyo mudakeneye umuntu mureka kumutora,nayo kugumuka gushikaho mubuza imodoka kugenda,mugasesa amaraso; ivyo ntabwenge ndetse ntanubumenyi birimwo namba.Ico nohanura benewacu dusangiye uburundi nuko mwokwitura sentare ijejwe ibwirizwa shingiro ndetse namakungu bikabatunganiriza.nayo abandika ngo n’umuryango canke ubwoko bunaka bwatwaye bucinyiza abandi,ivyo sivyo bose barondera ivyabo.Mana garukira uburundi.

  • nintango yintambara muzoreba mukwiyamamaza imodoka zizokwaka nkurwiri. ntawishimira intambara ariko niba muzi ijambo rivuga ngo mabara3 nzokurw’inyuma.cdd twarayitora ubwambere kuko numugambwe udashira amoko imbere.ariko ivyo twashaka vyarase ahubwo nibahave neza vyarabananiye.ubukene inzara ubutindi umwanda.nivyovyeze dushaka abarongozi bazura igihugu atamoko tukaba abarundi twese umoko nubukoroni.utembereye igihugu ubonye imibereho yabo amosozi arakoroka nuvuye hanze yigihugu urarira.

  • Barundi murimumyigaragambyo mbamfitiye inkuru ishushye kandi ishimishijye, ndangijye kumenyako niyabantagihindutse uburundi bagiye kubufatira ibihano bimwe biteyubwoba! Kubwibyorero kugiranamwe mufashye kugira byihutishwe gushyirwa mungiro vubanabwangu ndabasaba Ko mukomeza kugira iyomyigaragambyo cyane, kandi nacyanecyane mwihatire kurondera uburyo haboneka abomupfusha kubwishi nihibihano bifatirwa igihugu cyanyu biza kwihutishya gufatira ibihano u Burundi. Egonibyo ntagobizakura ubuyobozi bwiryo shyaka CNDDFDD ariko bazabahobakenye, kandi mwihatire gukomeza kuvuga ibintu bituma abaturage bakomeza guhunga, nibyo gucyanishamwo abanyamuryango biryoshyaka riri kubuyobozi. Kayijyamahe at Rwanda.

  • birababaje kuki?, twe abanyafurika tutakwicara ngo dutore ubuyobozi
    tugendeye ku nyungu zabanyagihugu.

  • turasavye gaciyubwenge yitandukanye nabo akanyeshamba kanse kuvamwo nkakumwe bavuga ko bakirimwishamba uwuvuzukuri baca bamwica nne nivyo igipolice kigomba guplatika imanidufashe

  • turasavye gaciyubwenge yitandukanye nabo akanyeshamba kanse kuvamwo nkakumwe bavuga ko bakirimwishamba uwuvuzukuri baca bamwica nne nivyo igipolice kigomba guplatika imanidufashe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.