IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umuryango wa Petero Karaveri Mbonimpa usaba umutekano wiwe

Umuryango wa Petero Karaveri Mbonimpa usaba umutekano wiwe

mardi 4 Myandagaro 2015

Umuryango wa Petero Karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH n’ibitaro ariko avurirwamwo,bavuga ko bafise amakenga ku mutekano wiwe.

Kuva ku mugoroba wo kuwa mbere igenekerezo rya 3 Myandagaro 2015,abapolisi 8 nibo bashizwe ku bitaro aho Petero Karaveri Mbonimpa ariko aravurirwa mu ntumbero yo gucunga umutekano wiwe.

Inyuma y’umutaga wo kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 4v Myandagaro,abapolisi benshi bashizwe hafi y’ibitaro,mu ntumbero yo kubuza imyiyerekano yari kubera ngaho ikozwe n’abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura.

Muri ico gihe nyene abaserukira ibihugu vya Hollande n’Ububirigi bashitse kuraba Petero Karaveri Mbonimpa aho arwariye.

Mwomenya ko Petero Karaveri Mbonimpa yarashwe n’umuntu ari kw’ipikipiki,ku mugoroba wo kuwa mbere muri komine ya Kinama ariko arataha.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.