Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umushingwamanza Jean Kenneddy NSHIMIRIMANA yoba yahungiye mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umushingwamanza Jean Kenneddy NSHIMIRIMANA yoba yahungiye mu (...)

Umushingwamanza Jean Kenneddy NSHIMIRIMANA yoba yahungiye mu Bubirigi

vendredi 1er Myandagaro 2014

Haraheze indwi zirenga zitatu umushingwamanza NSHIMIRIMANA Jean Kennedy bavuga ko yahunze igihugu kubw’umutekano wiwe. Ikinyamakuru IGIHE cashimye kumenya ayo makuru ko ariyo, tumaze kubaza abamwegereye, umuryango wiwe n’abashingwamanza bahora bakorana, batumenyesha ko umushingwamanza Jean Kennedy NSHIMIRIMANA yahunze inyuma yaho yari yahagaritswe n’abantu bavuga ko bakorera igendereza ry’Uburundi, ari mu modoka yiwe D 1046 A, yo mu bwoko bwa Totota, Voltz

Amakuru dufise avuga ko igihe umushingwamanza Jean Kennedy NSHIMIRIMANA ahagarikwa, bamwagiriza ko yoba yakoresheje inama abanwanyi b’umugabwe MSD mu ntara ya Kayanza kandi bari bakiri mu bihano bafatiwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Abegereye uwo mushingwamanza bamenyesha ko yoba kandi yariko azizwa imanza z’umugabwe MSD, na cane cane urubanza bitwariyemwo ibihangange bitandatu mu giporisi c’Uburundi, abo nabo akaba aribo bari barongoye igikorwa cabaye kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014, ku ngoro y’umugambwe MSD. Umushingwamanza Jean Kenneddy NSHIMIRIMANA yoba yatanguye gukurikiranwa kuva inyuma y’aho avugiye ku nsamirizi RPA, mu kiganiro "Uterera iki?", ko bagiye kwitwarira abaganga babiri bo ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, hamwe n’umuyobozi w’ibohero rikuru rya MPIMBA ku kibazo ca MUHIZI Roger, umunywanyi wa MSD yankiwe kujanwa kwivuza kandi atarakira ku kuboko aho bamurashe kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014, mu mishamirano hagati y’urwaruka rwa MSD n’igiporisi.

JPEG - 65.7 ko
Umushingwamanza Jean Kenneddy NSHIMIRIMANA

Tubibutse ko umushingwamanza Jean Kenneddy NSHIMIRIMANA asanzwe ari umwe mu bashingwamanza b’umugambwe MSD, akongera akaba kandi arongoye i Bujumbura imvukira za Kayanza zo mu mugambwe MSD.

Amakuru dufise amenyesha ko kugira umushingwamanza Jean Kenneddy NSHIMIRIMANA ashobore kuva imbere yabo bari bamufashe, bivugwa ko yoba yabwiwe ko ategerezwa kwemera gukorana nabo bari bamufashe, kugira bashobora gukura Alexis SINDUHIJE mu burongozi bw’umugambwe MSD, atavyemeye naho agaca afatwa agapfungwa. Umushingwamanza Jean Kenneddy NSHIMIRIMANA yoba yaremeye ko bakorana, ariko amaze kubava imbere agaca ahunga, abandi bakavuga ko yoba yatorotse akiri ngaho nyene aho yari yafatiwe.

Gushika ubu rero ntawurashobora kumenya neza aho yoba ageze, ariko amakuru dufise avuga ko inyuma y’indwi zibiri ari mu gihugu ca Kenya, ko ubu yoba yarahambije umukuru w’umugabwe MSD Alexis SINDUHIJE mu gihugu c’Ububirigi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ibibera I Burundi bisihaye ari akamuna!None nimba ibintu nk’ibi bishikira abantu nk’abo (abantu bamenyekana,bafiseabanga atinyitse,ect) wumva umunyagihugu we wo murutoki canke muri quartier,wewe bica bigenda gute!!?Ahubwo burya n’ivyo abarundi tutitaho abantu mu Burundi baraheze.Abandi bagihumeka bagenda baraboreye imbere!

  • Abo bicani ngo naba CNDD sha bazobona ibara!!Imana ihora ihoze!!Niwibere amahoro Imana ikuje imbere!

  • Abo bicani ngo naba CNDD sha bazobona ibara!!Imana ihora ihoze!!Niwibere amahoro Imana ikuje imbere!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.