IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Umutekano wo muri Kaminuza y’Uburundi wakomejwe

Umutekano wo muri Kaminuza y’Uburundi wakomejwe

jeudi 18 Ruhuhuma 2016, par egide

Abajejwe gucungera umutekano muri Kaminuza y’Uburundi, ikigo co ku Mutanga bafashe ingingo z’ugukomeza umutekano muri ico kigo, inyuma y’aho abantu bitwaje ibirwanisho binjiriye kabiri kose muri ico kigo mw’ijoro, bakiba mu banyeshure amaterefone ngendanwa, mudasobwa (Ordinateurs), amafaranga hamwe n’ibindi.

Mu ngingo z’ugukomeza umutekano zafashwe, n’uko umuntu wese azoba akeneye kwinjira muri ico kigo azotegerezwa kuba yidondoye agatanga n’ibimuranga. Ku banyeshure nabo, imbere y’ukwinjira muri ico kigo bazokwerekana ikarata y’ishure ibaranga. Abakozi nabo bakorera aho muri ico kigo, mu kwinjira bakazotegerezwa kwerekana amakarata y’akazi abaranga (Badges).

JPEG - 13.9 ko
Ubwinjiriro bw’ikigo ca Kaminuza co ku Mutanga

Izo ngingo zifashwe inyuma y’aho mu kiringo kidakwira indwi zibiri, abasuma bitwaje ibirwanisho binjiriye kabiri kose muri ico kigo, bakiba za mudasobwa (ordinateurs) impuzu, terefone ngendanwa, amafaranga hamwe n’ibindi.

Uwujejwe umutekano muri Kaminuza y’Uburundi, ikigo co ku Mutanga, OPC1 Nibona Célestin, akamenyesha ko amatohoza yamaze gutangura, kugira abakoze ubwo busuma bamenyekane.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.