Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuvyeyi wa Bagbo ahambwe inyuma y’amezi ane abitswe mu buruhukiro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umuvyeyi wa Bagbo ahambwe inyuma y’amezi ane abitswe mu buruhukiro

Umuvyeyi wa Bagbo ahambwe inyuma y’amezi ane abitswe mu buruhukiro

vendredi 6 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Kuri uno wa gatandatu niho hategekanijwe ibirori nyamukuru vyo gufuba umuvyeyi wa Laurent Bagbo inyuma y’amezi arenga ane yitavye Imana.

Maragarita Gado umuvyeyi wa Laurent Bagbo yitavye Imana kuwa 15 Gitugutu umwaka uheze , igihe yara avuye mu buhungiro mu gihugu ca Ghana, akaba yarafise imyaka mirongo icenda . Ibirori vyo kumufuba bikaba bitegekanijwe kuri uno wa gatandatu . Abatari bake baribajije icatumye amara ico gihe cose atarafubwa , bikaba vyatumwe n’uko umuhungu wiwe yarakirindiriye imfashanyo, kugira amukoreshereze imva y’akarorero ijanye n’umuvyeyi nyene w’uwahoze ari umukuru w’igihugu. Iyo mva rero ikaba yarafashe umwanya muremure abayikoze , ico gihe cose rero ico kiziga c’umuvyeyi wa Laurent Bagbo cagumye kibitswe mu buruhukiro(Morgue).

Mu gihe rero umuhungu wiwe Laurent Bagbo ari mw’ibohero i la Haye , yaciye agena umwe mu bakuru b’umugambwe FPI( Front populaire Ivoirien) abe aba ariwe aba umukuru w’umurwi ujejwe gutegura ifubwa ry’umuvyeyi wiwe, acasaba mutonya wiwe Jeannette Koudon, gutora umwe mu muryango ashobra kuja muri uwo murwi, uwo nawe yaciye ashiramwo uwitwa Henri Gossé. Uwo murwi ugizwe n’abantu miringo ibiri ,hakaba harimwo abategetsi bari mu mugambwe wa Laurent Bagbo, umuhungu wiwe, n’abandi.

Tubamenyeshe ko sentare mpuzamakungu y’i La haye yarahiye irarengwa guha uruhusha Laurent Bagbo rwo kuja ku maziko ya nyina. Tubamenyeshe kandi ko Laurent Bagbo yaronse imfashanyo ivuye hanze igera ku bihumbi mirongo itatu nabitanu vy’ama CFA ni kuvuga ibihumbi mirongo itanu vy’amanyaburaya.


Floxella Karire

Messages

  • none nkaba nkurunziza bumvise inkuru ziteye umubabaro nkizo,ntiyumvira kurekura ubwo butegetsi hakirikare,kubona umuntu yahoze ari umukuru wigihugu asaba ifashanyo kugira ashingure umuvyeyi wiwe,birateye agahinda cement.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.