Accueil > Amakuru > umutekano > Umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya Rutovu yishwe
Umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya Rutovu yishwe
samedi 9 Mukakaro 2016, par
Umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya Rutovu mu ntara ya Bururi yishwe arashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu, abandi bantu babiri barakomereka mu bitero vyabereye mu Rutovu hamwe no muri komine Mugamba.
Uwo muyobozi yagandaguwe ni Furera Siriveri NIMIRIJIMANA, akaba yarashwe n’abantu bamutegereye atashe nk’igihe c’isaha zitanu z’ijoro, akaba yari avanye n’abigisha bari bahejeje igikorwa c’ugutanga amanota ku banyeshure.
Uwarashe uwo muyobozi ntawamubonye, mu giporisi mu Rutovu bakavuga ko amatohoza ariyo azotanga umuco.
Uwundi muntu umwe yararashwe muri komine Mugamba n’abaporisi aca aritaba Imana mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu nyene, uwundi muntu umwe arakomereka.
Mu gihe abanyagihugu bagiriza igiporisi ko carashe mu banyagihugu batekanye, mu giporisi bavuga ko abarashwe muri komine Mugamba bahitanwe n’amasasu yigenza abajejwe umutekano basohoye bariko bakurikirana uwitwa Janvier yagirizwa ko ari umurwanyi, mu giporisi bakaba bavuga ko yariko anywera mu bunywero bwarimwo abo banyagihugu.
Abari muri ubwo bunywero bwarasiwemwo umuntu basaba abajejwe umutekano ko bokoresha ubuhinga bigishijwe mu gukurikirana uwuba afise ivyo yagirizwa.
IGIHE
Messages
9 Mukakaro 2016, 19:33, par Kingwendo Arakaza
Uwo Muyobozi Mwomenya Yazize Iki?Emwe Imana Imwakire Mubwami Bwayo
9 Mukakaro 2016, 19:35, par Kingwendo Arakaza
Uwo Muyobozi Mwomenya Yazize Iki?Emwe Imana Imwakire Mubwami Bwayo
9 Mukakaro 2016, 20:00, par General mujeri sinduhije
Abo bose bicwa naba Sindumuja
9 Mukakaro 2016, 21:15, par BARUTWANAYO ELIAS
SHAA NDABABAYE GOOOSEEE,NDAMWIBUTSE AKIRI UMUYOBOZI WACU MURUSENGO NUMVA AGAHINDA,NONE UBWO BWI2NYI BUBERA MU BURUNDI BWABURI MWANYA WOSE ATAMUSI WIJANA HATABONETSE IKIZIGA MU BURUNDI,TWOVYIRINDA GUTE?
10 Mukakaro 2016, 05:07, par ayubu
Ngira.yarumututsi.
10 Mukakaro 2016, 06:37, par EMMANUEL NDUWAYO
NIBARONDERE IYONKOZI YIKIBI IHANWE VYAKARORERO
10 Mukakaro 2016, 07:06, par SIBOMANA
ABOBA POLISI BAKWIYE KUMENYA IYO BAGIYE GUFATA UMUNTU NKUYO BATEGERE ZWA KUGENDA BITEGUYE MBEGA HO BARAMUFASE ?NIMBA BATAMUFASE UWUTWARA IKIRINDIRO AKWIYE GUKURWA AHOHANTU KUKO YAKOZE AKAZI KIWE NABI CANKE AKABIHANIRWA
10 Mukakaro 2016, 07:31, par Rachel Niyonsaba
Nukri Ububish Bwabay Ndanse Mu Burundi Niyo Mpamv Boguma Mu Matohoza Akmeye Kugrango Ababikoz Bamenyekanye Bahanyw Bikomeye Kuko Birateye Agahinda Merci
10 Mukakaro 2016, 13:38, par MUYAHUDI
IMANA IBAKIR UWICA NTAKWONGER KWICA MPOJEJ IMIRYANGO YABUZ
10 Mukakaro 2016, 15:04, par Nduwayo Claude
Mbona Burundi Mtakufa Vibaya Kilamtu Akifa Mnasema Eti Mna Peleleza, Je Mna Peleleza Mpaka Lini Mukohivo Kilasiku Hata Kesho Itakuwa HIvo Mpaka Mwisho Waduniani.
10 Mukakaro 2016, 17:24, par vungwe
The world need to change
10 Mukakaro 2016, 19:28, par VIYANE NINGABIYE
YEMWE ABOBA PORISI NIBOBABISHE BAGIYEKUTUMARA NIBAGEZAHO
10 Mukakaro 2016, 19:31, par VIYANE NINGABIYE
YEMWE ABOBA PORISI NIBOBABISHE BAGIYEKUTUMARA NIBAGEZAHO
10 Mukakaro 2016, 19:52, par Mushatsi
Igiporisi Cokora Amatohoza Ababikoze Bagahanwa
12 Mukakaro 2016, 20:16, par Mahoro
Nibabe bareka kuduhenda ngo amatohoza amatohoza!Mbe ayomatohoza ntazigera ahera ?Nukuri nukuri subiza inkota mugwubati ivyakozw biramaz!
13 Mukakaro 2016, 17:56, par Bayemere Dieudonné
Mbe burundi!!amatohoza akorwa yiburundi ahera muciyumviro.Mana mwakire mubwami bwijuru
13 Mukakaro 2016, 17:58, par Bayemere Dieudonné
Mbe burundi!!amatohoza akorwa yiburundi ahera muciyumviro.Mana mwakire mubwami bwijuru
14 Mukakaro 2016, 19:23, par liberat sadick
Muburundi Ikibay Cose ng amatohoz ng niy yikorera,mbe barundi barundikazi mwijw abandi muhekurw mubona ay matohoz abafash ik?mbe hoh ahereraheh ko wumv ng yatanguy ntiwumv niy vyahereh!yemw ivyaburund n,amayober pe!
14 Mukakaro 2016, 19:24, par liberat sadick
Muburundi Ikibay Cose ng amatohoz ng niy yikorera,mbe barundi barundikazi mwicw iziba Ryak abandi muhekurw mubona ay matohoz abafash ik?mbe hoh ahereraheh ko wumv ng yatanguy ntiwumv niy vyahereh!yemw ivyaburund n,amayober pe!
15 Mukakaro 2016, 13:05, par IRADUKEJE
Nimba,ukotuvyunva,arikobiri Abobaporisintakosabafise.BarikukaZIKABO.mugabo,imbereyokurasababebabanzakuraba
15 Mukakaro 2016, 21:38, par Iradukeje.Elyzee
Aha,eeee,mbegamuburundihagirehabe,soml,canke,ahantiwokwikebuka,tukabananeza,nonenkuyomutamayaraye,azize,iki?Murabeneza