Accueil > Amakuru > Ubutungane > Urubanza rwa Uhuru Kenyatta rwasubiriye kwegezwa inyuma
Urubanza rwa Uhuru Kenyatta rwasubiriye kwegezwa inyuma
vendredi 21 Ruheshi 2013
Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yatangaje ko umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta azocirwa urubanza kw’igenekerezo rya 12 Munyonyo 2013.
Iryo sango rishasha rikaba ryamenyeshejwe ejo ku musi wa kane inyuma y’uko ihaye ababuranira Kenyatta uwanya ukwiye kugira bategure dosiye yabo.
Urubanza rw’umukuru w’igihugu wa Kenya rwari rwategekanijwe gutangura mu kwezi kw’indwi, yamara sentare mpuzamakungu mpanavyaha yatangaje ko habaye ugutebesha ibintu, ku bashikirizamanza, ku vyerekeye gutanga ivyemeza Sentare mpuzamakungu mpanavyaha.
Uhuru Kenyatta yagirijwe ubwoko butanu bw’ivyaha bityoza agateka ka muntu, ku ruhara yagirizwa ko yagize, mu gukokeza ubwicanyi bufatiye ku bwoko bwabaye mu gihugu ca Kenya inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’2007, abantu barenga ibihumbi bakaba aribo bahasize ubuzima.
Icegera c’umukuru w’igihugu ca Kenya, William Ruto, n’umutegetsi mukuru w’iradio, Joshua Arap Sanga, nabo nyene baragirizwa ivyaha muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Urubanza rwabo rutegekanijwe kuba, kw’igenekerezo rya cumi z’ukwezi kw’icenda.
- William Ruto, icegera c’umukuru w’igihugu ca Kenya
- Joshua Arap Sanga, umutegetsi mukuru w’iradiyo yo muri Kenya nawe nyene ariko akurikiranwa n’urubanza
Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yatangaje mu ntango z’uku kwezi ko urubanza rwabo rushobora gutangura muri Kenya canke Tanzania, aho kubera ku cicaro ca sentare mpuzamakungu mpanavyaha, I Haye.
Twobamenyesha ko abo bantu bategetsi bose uko ari batatu, bahakana ivyo bagirizwa mu kuvyamirira kure bavuga ko ari irementanya
Egide Nduwimana