Accueil > Amakuru > umutekano > Urugo rwa Gaston Sindimwo, umunyamabanga mukuru wa UPRONA rwatewe
Urugo rwa Gaston Sindimwo, umunyamabanga mukuru wa UPRONA rwatewe
lundi 17 Ntwarante 2014
Umuntu umwe yaritavye Imana ahitanwe n’amaderenade abiri yatewe mw’ijoro ryo ku munsi w’ejo ku rugo rwa Gaston Sindimwo, umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA urongowe na Concile Nibigira. Abaporisi ni benshi kuri urwo rugo ruri mu Nyakabiga, amatohoza nayo akaba yamaze gutangura.
Ntawuramenya abateye amagerenade abiri yahitanye umuntu umwe ku rugo rwa Gaston Sindimwo, umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA urongowe na Concile Nibigira. Amakuru dufise amenyesha ko gushika mu gatondo ko kuri uwu wa mbere atawari bwamenya irengero rya Gaston Sindimwo, bikavugwa ko yoba yaciye anyuruzwa n’abo bagizi ba nabi. Biravugwa kandi ko Gaston Sindimwo yakomeretse ku kuboko kw’iburyo, hamwe no ku mugongo. Aho ku rugo iwe mu Nyakabiga ku barabara rya 17, abaporisi ni benshi cane, na musitanteri wa komine Nyakabiga akaba yamaze kuhishikira. Turabigarukako ku makuru yacu yo hanyuma.
- Gaston Sindimwo, umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA urongowe na Concile Nibigira.
IGIHE
Messages
17 Ntwarante 2014, 08:42, par Ngenzi irabona
Ahubwo Bamuhushije abo ba DD wumva ngo nabo kugira incuti???
17 Ntwarante 2014, 08:46, par Mahirwe.
Ayo namayeri yo kugira bahohotere abo batavuga rumwe uwo mugabo Gaston numunyakajagari aho sinzi aho yinyegeje
17 Ntwarante 2014, 09:44, par Nahayo Bernard
Uyo muhemu yibaza ko abo akorera ari abatagatifu?Nibaza ko yabonye ivyo baraye bakoze mu Kinindo barasa aba MSD izuba riva. Iyo n’intango imbonerakure ziramubona hanyuma icaha bazogisuke ku batavuga rumwe na we. Ico nsavye abatavuga rumwe ni co gihemu, mwitware neza ntimugwe mu mporero.Uwogwikarihiriza rwomumwa!!!
17 Ntwarante 2014, 10:49, par congolais le liberal
*en politique pas d’amis*icitwaz co gufata incabweng zirihano kirabnetse.amatohoza barayahera mubamuhaye akazi(ab dd)
17 Ntwarante 2014, 11:46, par Kirinyota
usanga ari irementanya. Mwihende mufate inzirakarengane.
17 Ntwarante 2014, 12:39, par NTIHEBUWAYO Isaî
Nsanze hariho abantu mwiyumvira uko mwipfuza gusa, kuki muhengamira kuruhande rumwe gusa mwoba musanzwe mwemera? Reka ubwo bujuju, kuki mwibagira ko UPRONA nayo irimwo abicanyi cokimwe na CNDD FDD n’iyindi migambwe. Kuki mwibagira ko UPRONA yamye irimwo aboshobora gutera am Frenade ubona ko n’abandi bavyigishijwe n’abo. Muti yari kwitera Grenade kugira yiyice, ahubwo amatohoza akwiye kubaherako. Naho ntakunda CNDD-FDD, reka guteranya ntimutume dusubira inyuma. CNDD-FDD nireke kwivanga muvyinzego z’umutekano n’ubucamanza, ntaco boba bariko baradufasha.
17 Ntwarante 2014, 14:03, par bwenge
bariko barabesha cane gose kuko ndabizi aho gaston ari hose aramahora kandi ndabizi neza ko aribuje kuboneka. abo bagabo bo muri uprona nababeshi bakomeye cane kandi ntimwibaze ko arabo bahutu baba dd baduhotoye ahubwo nabo bagabo benewacu batwishe kuko ivyo turiko turabamwo vyose nibo babikoze turabizi kuko harimwo nabavyeyi bacu. abo bahutu mumyaka iheze intambara ntiyari yamaze kubananira bagiye kuyiheba???? ariko si wamugabo wo muri uprona yagize politique yo kubazana?? none mwirirwa muratuka cndd fdd ngo irabariye!!!! umwansi wuburundi ni uprona ivyo mubimenye ko ari uprona ipfukamye munda igihugu c uburundi kuko ninabo nkomoko yibibi vyose vyagiye biba mugihugu
15 Ntwarante 2017, 16:57, par BELTEXCO
0998500324