IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Uruhara rw’umukenyezi mu kurwanya ibirwanisho bito bito ni ntangere

Uruhara rw’umukenyezi mu kurwanya ibirwanisho bito bito ni ntangere

vendredi 27 Nyakanga 2013

Mu ntumbero yo gutanguza uruganda rwo guhimiriza uruhara rw’umukenyezi mw’ igwirirana ry’ibirwanisho bito bito ALPC (Armes Légères et Petit Calibre), Uruganda rwarateguwe n’umugambi wishinze kurondera amahoro hamwe n’iterambere MI-RPD, ubifashijwemwo n’ibiro vy’ ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi BNUB.

Intumbero, niyo kwongereza ubushobozi bw’abakenyezi kugira bafashe mu kugira uruhara ruboneka muri kino gihe basanzwe batanguye igice ca kabiri co kwambura ibirwanisho bito bito abanyagihugu. Umukuru w’ igisagara ca Bujumbura Juma saidi yashimye cane ubukerebutsi n’ubutwari bwa bamwe bamwe batanze ibirwanisho ku bushake bwabo. Ariko rero naho umutekano uhari, ntitwokwanka ko ibirwanisho bigikwiragiye mu banyagihugu kandi biratera n’ ingorane zitari nke mbere. Ni nayo mpamvu yasavye ko inganda nk’izo zoza zirategurwa kugira abanyagihugu bamenye amabi akorwa n’ivyo birwanisho bito ALPC.

Ku bw’uwurongoye ibikorwa muri uwo mugambi, Jean Claude sinzinkayo, uruhara rw’abakenyezi mu kurwanya ibirwanisho bicira umuriro ni ngirakamaro kugira ivyo birwanisho bituzwe burundu. Abagiye barafata amajambo bose bagiye barerekana ko umukenyezi afise ububasha bunini mu kurwanya ivyo birwanisho, kuko kanatsinda no mu mibano asanzwe afise uruhara rutari ruto. Uwaje aserukira ikigo BNUB yamenyesheje ko, akenshi n’imiburiburi umugore umwe aba ari mu gitero c’abihevyi, ni nayo mpamvu akwiye guhimirizwa bimwe biboneka kugira ntahitanwe nawe. Yateye intege abakenyezi b’imboneza barongoye abandi gufasha cane mu kubumbatira amahoro.

Ku bwa Pierre Claver Gahungu, umwunganirizi w’umushikiranganji w’umutekano asanzwe ariwe yuguruye urwo ruganda, ngo si agaseseshwarumuri mu Burundi haracatembera ibirwanisho bito bito mu banyagihugu. Ariko yashimye Leta y’ Uburundi ku twigoro twayo hamwe n’abasanzwe bafasha mu kurwanya ikwiragira ry’ ibirwanisho bicira umuriro.’’ Umukenyezi w’ umurundi arakwiye kuja mu kibanza ciwe akagira uruhara mu gutsimbatza amahoro, ariko naho biruko n’uruhara rw’abanyagihugu bose muri rusangi rurakwiye.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.