IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Uwahora ajejwe umutekano wa Général Major Godefroid Niyombare (...)

Uwahora ajejwe umutekano wa Général Major Godefroid Niyombare yanyurujwe

vendredi 10 Ndamukiza 2015, par Egide N

Evariste Nkuyehasi, intwazangabo yo kw’ipete rya Capitaine, yahoze ajejwe umutekano wa Général Major Godefroid Niyombare, yanyurujwe. Abamutwaye bamusanze aho yari kuri Cercle Nautique.

Capitaine Evariste Nkuyehasi yahoze ajejwe umutekano wa Général Major Godefroid Niyombare yanyurujwe n’abantu bari bambaye impuzu za gisirikare, bakaba bamusanze kuri Cercle Nautique, ari mu muduga wa Général Major Godefroid Niyombare, yahoze arongoye urwego rw’igendereza, imbere y’uko akomborwa bivuye ku rwandiko yandikiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amuhanura kudasubira kwitoza mu kiringo ca gatatu.

JPEG - 17.7 ko
Capitaine Evariste Nkuyehasi yahoze ajejwe umutekano wa Général Major Godefroid Niyombare

Ayo makuru y’inyuruzwa rya Capitaine Evariste Nkuyehasi aremezwa na Général Major Godefroid Niyombare, akamenyesha ko n’uwo muduga yarimwo ari uwiwe, kuko yari yawumutije haraheze iminsi ibiri.

Général Major Godefroid Niyombare ntahakana ko abanyuruje Capitaine Evariste Nkuyehasi bariko barondera we, akamenyesha ko yamaze kumenya aho uwo yahora amucungerera umutekano yajanywe, ariko akaba atashimye gushika ubu kuhavuga.

Mu gisirikare c’Uburundi bamenyesha ko Capitaine Evariste Nkuyehasi atanyurujwe, kuko yari asanzwe afise umutahe umurondera. Colonel Gaspard Baratuza asigura ko Capitaine Evariste Nkuyehasi yahagaritswe kuko afise ivyo abazwa, kandi ko batamwitiranije na Général Major Godefroid Niyombare kuko n’uugusa badasa.


Egide Nduwimana

Messages

  • haaaaaaa aba DD BASAZE pe erega ngira bagwaye mumutwe canke bafise igishetani co kwica .MANA TABARA UBURUNDI.

  • Qui est l ’homme fort entre Peter,Adolphe et Munyoni? Abo bagabo uko ari 3 sont determines a commettre l’irreparable si rien n’est fait dans un delais ne depassant pas 20 jours.Ils savent deja qu’ils sont au dessus de la loi et que la justice burundaise n’osera pas les comvoquer car ce sont eux qui nommer les magistrats et on sait pour qui ces derniers roulent. Vuba on va assassiner un membre de la societe civile, ou alors un membre tres infuent d’un parti politique de l’opposition. Ntawuzi iyo bariko batujana ikizwi nuko aba dd batsinze amatora avant la tenue des election sous la benediction de Ndayicariye. Novuga ko gutanguza kunyuruza abantu bitanguhe kumugaragaro. Et le congres du cndd fdd d-autres tetes vont tomber wait and see

  • none agisoda cuburundi gikoriki cahe kirimukwaha kwa peter ?nimba abasoda buburundi barwaniye peter nibavuge canke batangaje ko peter yabananiye kuko nticumvikana ko umusoda anyuruzwa bakaguma bahoje.nicogituma muburundi abasoda bazokwamana inkoho kumitwe.none izonkoho zibamariyiki se?

  • Ce qui se passe au Burundi c’est une honte pour tout le peuple.
    je ne comprends pas un pays de 10.000.000 habitants avec pleins d’intellecuels
    docteurs,ingenieurs,spécialistes,techniciens supérieurs vous laissez votre pays aux mains des criminels.
    Il y a - t - il meme pas un officier supérieur qui peut prendre sa responsabilité pour mettre fin au désordre qui s’est installé pauvres officiers c’es honte pour vous bientot adolphe bunyoni ndakugarika nkurunziza vont vous écraser un par un continuer àfermer vos yeux!!!

  • Iki gihugu kirimwo ububisha bwinshi buva kumpand zitandukany.Turek kubona ikibay ngo tuce tuki Liant nibivugwa ku mandat ya Peter Nkurunziza.ahubwo tuba dukwiy gusaba ubutungan n’igipolisi bagatanguza amatohoza.tumeny kuvuga imvugo zubaka igihugu

  • Ariko ga Kirungurira wewe niho ukimenya ko bafise igishetani c,ukwica?Bagandagura abantu kuw’Imana agatonda mwisengero bose muri eglise du roché.jewe rero sinzi ko ico gishetani ariho cicaye.

    Ikindi,woba ukomeye mumutwe ugahanurwa na Adolfe,Ndakugarika,bunyoni nabandi,,,,,,,,,?nawewe ntiwoba ukomeye pe.

  • ba mureka kuvuga amajambo aturira ubwo ntasoni

  • IVYIYUMVIRO BWIRA ABOBAGABOUTINTIMURUSHAUBUBI GORIYATI ARIKO YISHWENA DAWIDI AKANA GATO REKA KWICANOKUNYURUZA BANTU NTAWUZOKIZA UBUZIMA BWIWE ABANJEKWICA UBWAMUGENZIWE IJAMBORY IMANA RIRABIVUGAMBEGAMWEBWENTIMUVAMARASO NTACO MWIGIRA BA FARAO CANKE YUDA KUKIVYOBAKOZE INGARUKA YABASUBIYEKO RINDIRA INZAMBA IZOBIHAYURA UMUGENI AZOMENYEKANA

  • Iryo ni iterabwoba kugira Niyombare ahunge kuko ntibakimwizgigiye. Kumwica vyovyo nibavyibagigwe kuko apfuye vyogira inkurikizi mbi mu gisoda, muri Cndd-Fdd no mu Burundi ...

  • Hari abantu muntwenza canke murota,mbe iyo mana muririmba umwanya wose mwibazako musumvya abazungu kuyimenya ko ivyo vyose musigura ari ibiri mu bitabu banditse mwe mutaramenya no kwandika,muri USA bakorera iki abirabure,i bulaya naho nico kimwe,ubwo mwa bantu iyo mana mwambaza je nibazako umutusi ayihamagaye ubu ica ihunga kuko amabi mwakoze ni menshi ,mwishe abagore,abana,abatama mubaturirira mu mapine abana banyu barorera batwenga,abantu nkamwe muyihamagaye,ubu ica ikura hasi igatemanisha!!!

  • Imana imuhe iruhuko ridashira nta kundi

  • NTIVYOROSHE! ZANA IMIGAMBI YOGUTEZA IMBERE IGIHUGU KWICA NO GUPFUNGANA BIHAGARARE UBURUNDI TURABUSANGIYE.

  • Buri gihugu kigira umuco ndabarahiye!!! byatangiye umuntu atwarwa n’amazi abari kumukuramwo bakamufota bakayahanahana kuri what’s up na FB none tugeze aho abantu banyururuzwa abandi bakicwa abakabakurikiranye n’abakabarwanyeho bagahitamwo kubishyira muri medias, bref bamwe barica abandi bakajyana amakuru kuri radio........bizarangira bite?

  • Nkamuna ewe vya Bujumbura ,,,,,,,,,,yoooooooooooooooooo hasigaye batumare ewe Ludolophe na pieter muhejeje nabi ka bunyoni koko ubu cweeeee

  • Intwaro ya Peter = Intwaro ya Habyarimana Juvenal
    Muti gute? ibintu 3 ngire mbereke

    1. Habyarimana yihendaga ko kubwira amahanga ko yakemuye ikibazo cy’impunzi yagikemuye kandi abesha = Peter ati muhumure,mushitse umutima mu nda, amatora azoba mw’ituze, amabwirizwa azokubahirizwa, etc,...........

    2. Igisoda cya Habyara,, cyarushwaga agaciro n’INTERAHAMWE kuburyo n’amakungu amwe n’amwe yaraziko interahamwe arizo ntwaramiheto z’u Rwanda hahahahahah = IMBONERAKURE zo mu Burundi zizwi n’amakungu kuruta igisoda cy’Uburundi kandi abo bategetsi mvuze niho bimirije amakiriro yabo

    3. Intwaramiheto za habyara zari zimaze kumukuraho icyizere mw’iabanga atabizi, kuburyo hari abangaga kujya ku rugamba bakavuga ngo bazarwana aruko intambara ishyitse mu makomine bavukamwo hahahhaha = mu burundi naho niko bimeze ubu mu basoda bakuru n’abato umuriro uraka indani hasigaye ko biseruka inyuma gusa

    List ni ndende ariko izo 3 éléments nizo ntoranyijemwo namwe mugerekeho izo mubona

  • ahubwo ako ga capitaine mugacungire hamfi ni juvent 2

  • Ariko peter we ure meye ugende umaze abana buburundi mbega tubaze ko uyu cpt ko baratuza avugango arasazwe afise ivyo yagirizwa nono ko atari yarahunze kuberiki bata mufatiye kukazi? Tamurundi numwe atabona ivyari bigamijwe, mutama godefroid muragaba bari muguta wakuba nibashake batekereze bazotogwa nande nimwuzuze igikombe. Tumurabe.

  • Reka gukurikirana niyombare kuko ni umugabo wabagabo abobakungu babicanyi nibamuve inyuma

  • Ico nibabwira coco uko bakora kwose ntawuzobuza invura kurwa!
    Godfroid Mugabo wijambo,Dufise Ba generaux benshi ariko batinya!

  • Dusavye ko igisirikare cuburundi mutokwimvanga muvyaporitike kuko mutabijeje birenze aho muraziko kirimwo imirwi myishi turakigabura

  • REKURA IYO NTAMA YIGIRE AMAREMBE.. KOMA KARURU

  • senga Imana mureke kurema muvuga ya muhe!Imana niyo nkuru.

  • NTA MU PRESIDENT MUZORONKA NKA NKURUNZIZA NDABARAHIYE NYAMABA MUSHAKA NKABAMWE BAGANDAGURA NDADAYE HOHO REKA BOZA HOHO IBARA RYORWA.....MBEGA ABAGANAGUYE NDADAYE UMENGO BAKOZE ICO BATEGEREZWA...!!!!!!

    ABARUNDI TURACIYE UBWENGE BASHA.
    NI MUREKE IBIJUJU NKA VYA LEONIDAS HATUNGIMANA VYIVUGIRE IVYO BISHAKIYE.......AMATAMA YABAYE AMATAMA.

  • ZAMWANDIKA MWONGERA MUVUGA INKURU MWATOHOJE NAYUBUNDIHO MURADUSUBIZA MWIHUMBI.

  • HAA!NIVYA DANJE! KO BAHAYE KUNYURUZA ABANTU!? NON IYO BABIMENYESHA NAHO KO BAMUTWAYE? IVYUBU NIHATARI!

  • Nkurunziza Natange Imihoho! Ntate Agahugu Kacu Mumanga

  • erega baca,umugani ngo’ubugababwumugabonibwoburyobwiwe, kobari,baribasanzeuwobarondera,atariwentayindi, imvugo,ibaiyo bibwigwa beshibikumvabenevyo,kandi" urubuze inkware ruvumbukana, igihuna,

  • erega baca,umugani ngo’ubugababwumugabonibwoburyobwiwe, kobari,baribasanzeuwobarondera,atariwentayindi, imvugo,ibaiyo bibwigwa beshibikumvabenevyo,kandi" urubuze inkware ruvumbukana, igihuna,

  • jewe niyumvirako bagomba kugirira nabi uwo yaracungereye umutekano baca baramwitiranya.Ingendo nkiyo rero barakwiye kuyisezera kuko isubiza inyuma igihugu

  • nyanba yarakoze icaha nahanwe ariko ntazi niyombare!

  • Shaka Kubaza Godefroid Niyombare Imigambi Afitiye Abarundi Kuva Ahovyankiye Kwarongora Uburundi?

  • Ahaaa!!!! Muburundi Hagezeho Bagenda Bica Kamwekamwe Nk’impene Atacamira None Aboba Tegetsi Bariko Bararab’iki? None Uburundi Buganahe?

  • Ahaaa!!!! Muburundi Hagezeho Bagenda Bica Kamwekamwe Nk’impene Atacamira None Aboba Tegetsi Bariko Bararab’iki? None Uburundi Buganahe?

  • JENDIMABAYI YACITOKEN IMUDUHE INKURUYIWE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.