Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwurongoye FORSC amenyesha ko ivyashikiye Isidore Rufyikiri ari (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Uwurongoye FORSC amenyesha ko ivyashikiye Isidore Rufyikiri ari (...)

Uwurongoye FORSC amenyesha ko ivyashikiye Isidore Rufyikiri ari akamaramaza

vendredi 20 Kigarama 2013

Vital Nshimirimana arongoye urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike (FORSC : Forum pour le Renforcement de la Societé Civile) amenyesha ko uwafashe ingingo yo kubuza gufata urugendo umushingwamanza Isidore Rufyikiri yarengeje urugero mu gukoresha ubushobozi ahabwa n’amategeko, kuko yafashe ingingo ihohotera agateka ka zina muntu, mu kwaka umwidegemvyo umushingwamanza Isidore Rufyikiri

Umushingwamanza Isidore Rufyikiri yarabujijwe kurengana imbibe z’Uburundi kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 17 Kigarama 2013 ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura, igihe yagira aje mu nama y’abashingwamanza basanzwe bakoresha ururimi rw’igifaransa i Abidjan muri Côte d’Ivoire. Umukuru w’urunani FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile), urunani ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike amenyesha ko ari akamaramaza kubona uwurongoye urwego rw’abashingwamanza, Isidore Rufyikiri afatwa nk’uwupfunzwe ic’amaso, bakamubuza kurengana imbibe z’igihugu. Vital Nshimirimana yibutsa ko n’aho umushingwamanza Isidore Rufyikiri yoba afise ibikurikirana mu butungane, uwushobora kubuzwa gusohoka igihugu ari uwahora mu munyororo, hanyuma agatezurirwa vy’agateganyo. Icatangaje Vital Nshimirimana arongoye FORSC, n’uko uwasohoye urwandiko rubuza Isidore Rufyikiri gurengana imbibe z’igihugu yarenze ku mategeko asanzwe azi n’uko imanza ziburanishwa, hama agakoresha igihagararo ahabwa n’amabanga ajejwe mu guhohotera umushingwamanza Isidore Rufyikiri.

JPEG - 26.8 ko
Vital Nshimirimana, arongoye FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile)

Kubwa Vital Nshimirimana, biboneka ko icipfuzo c’uwafashe iyo ngingo ari uko yobona uwo arongoye urwego rw’abashingwamanza atawe mu mvuto bamuziza ivyiyumviro vyiwe. Vital Nshimirimana ati : "Ibintu nk’ivyo bishikiye uwurongoye urwego rw’abashingwamanza, ku munyagihugu asanzwe vyogenda gute?"

Vital Nshimirimana amenyesha ko abategetsi nk’abo bakwiye kwitwarirwa kugira basabe ko atawosubira gukoresha igihagararo afise mu gufata ingingo zihohotera abandi.


Egide Rufyikiri

Messages

  • urumushingantahe Mr vital

  • Ariko bitebe bitebuke ukuri kuzoteba kuja ahabona burya ivyo bagira abandi uwobibagirira bovyemera? Bamenyeko ahaturi harabandi

  • Nubwowohazurabandi,nubwowogirubumenyi arikutagirurukundo nkukwo kwa Vital biratebabigatebuka bikamugirira ingarukambi kandi keshi usanga ahoyibazako arihohazovingorane atarihozivuye wait you ’ll see. Iconosaba abarikubutegetsi birinde kumubonankumwasi ariko basengere ababakunda nababanka burya democratie iyifatikanije nokwubah’Imana bikurindagukora amakosha, Ariko ugiyemuri democratie urihanze y’Imana usangumeze nkimodoka yacitse amafire mwibarabararyama korna uwugiye kuyitegarero yibaza ngwirahagarara iramuhitana. Nicogituma mumasengero keshi usanga ibintu bicoroshe kukobafise democratie kandibakamenya Imana nubwobadahuje birinda gufata ibirwanisho cankibindivyotu umuntu yakubusima uyundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.