IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Uwurongoye ibohero rya Mpimba arabeshuza ivyo yagirijwe ku rupfu rwa (...)

Uwurongoye ibohero rya Mpimba arabeshuza ivyo yagirijwe ku rupfu rwa Busuguru Bienvenue

mardi 18 Ntwarante 2014

Inyuma yaho Bienvenue Busuguru asandabiye mw’ibohero rikuru rya Mpimba ku wa 12 Ntwarante, umuryango wiwe ukagiriza abarongoye iryo bohero kuba baranse ko uwabo avurwa, ndetse agakurwa no mu bitaro adakize, umukuru w’ibohero rya Mpimba arabibeshuza.

OPC1 Bruno Niyonzima, umuyobozi w’ibohero rikuru rya Mpimba

Bruno Niyonzima amenyesha ko atamvo n’imwe yari gutuma yankira Bienvenue Busuguru ko aja kwa Muganga. Umukuru w’ibohero rikuru rya Mpimba, amenyesha ko muri iryo bohero bafise abaganga 2, n’abaforoma umunani, ku buryo abo bose bakira umurwayi, bakamuvura, ndetse bakanamwandikira n’ibitaro iyo bikenewe, canke ibipimo ategerezwa kugirisha. Avuga ko ico yibuka, ari uko umuhisi Busuguru, yigeze kuja kwa muganga mu bitaro vya Prince Regent Charles, abaganga baramwinjiza mu bitaro, ariko umuporisi yamuherekeje aratinya kumusigayo kuko ataruhusha rw’ibohero yari afise.

Umunsi wo gushingura umuhisi Bienvenue Busuguru

Ibivugwa ko abo mu muryango wiwe boba baraje kumutora yamaze kuremba bakamwimana, umukuru w’ibohero avuga ko atavyo yabariwe, ndetse nabo baje kumutora, atabo yigeze abona. Ariko akamenyesha ko naho vyoba vyarashitse, rimwe rimwe hari aho bagira ingorane z’ukubura abaporisi baherekeza abapfungwa. Atanga akarorero k’uyu munsi igenekerezo rya 18 Ntwarante, aho harengutse mu butungane abapfungwa bashika kw’134, abo bagaherekezwa n’abaporisi kandi basanzwe bafise igitigiri c’abaporisi bake. Amenyesha ko abahapfungiwe bari bategerezwa kuja kwa muganga, vyaca bibagora uko babakurikirana, mu gihe bafise abaporisi 20 gusa, abo nabo bagategerezwa guherekeza abari bagiye kurenguka mu butungane gusa.

Umukuru w’ibohero rikuru rya Mpimba, akaba yishuye no kubindi bibazo, nk’icavuzwe cane ko muri iyo ndwi irangiye, hoba harinjiye bamwe mu bakozi b’igendereza harimwo uwitwa Kazungu na Ndirakobuca Gervais batazira Ndakugarika, bagiye kurondera uko boterayo umudugararo, uce wagirizwa abanywanyi b’umugambwe MSD bahapfungiwe, kugira bace bungururizwa mu bundi busho butandukanye buri hagati mu gihugu, canke baciribwe izindi manza zo kugumura abandi, Bruno Niyonzima avuga ko kuva mu kwezi kwa Mukakaro atanguye ayo mabanga, abo bakorera igendereza batarigera bahaza. Avuga ko abakozi bo mw’igendereza bahora bahinjira baje kuraba ababo bahapfungiwe, ariko batahaza baje gutera umudugararo. Avuga ko ayo makuru atayo yari bwumve, avyumvanye abamenyeshamakuru.

Ariko ku bwiwe rero, naho umukozi wo mw’igendereza yohinjira vyoba ari ibisanzwe kuko ari abakozi ba Reta, kandi bafise amabanga ahambaye, mu bijanye no gukurikirana amahoro mu gihugu. Ariko akamenyesha ko igihe cose bohaza yoba abizi, ari naco gituma avuga ko mu mpera z’iyo ndwi, atamukozi w’igendereza n’umwe yahaje.


Aristide Nizigire

Messages

  • Aho none asiguye iki? Avuga ko ico yibuka, ari uko umuhisi Busuguru, yigeze kuja kwa muganga mu bitaro vya Prince Regent Charles, abaganga baramwinjiza mu bitaro, ariko umuporisi yamuherekeje aratinya kumusigayo kuko ataruhusha rw’ibohero yari afise. Et apres avoir eu le rapport de l’hopital waramuhaye uburenganzira bwo kuja muri hopital? A qui la faute? Est ce au policier qui n’avait pas la permission de la laisser sans permission ou a toi? Tu es une honte kandi ruriye abandi rutakwibagiye.

  • why don’t you publish my comment?

  • Amaraso y,umuntu arahuma yaba umuhutu,umututsi canke umutwa twese turibiremwa,nguyo amaraso aramuvugishije ivyatarikuvuga agashika nahoyemera,ko yamenyeko abaganga basavye ko yokwinzizwa,ibitaro iyapfuma avugako atabimenye,urupfu rwuwo muntu rurikuriwe asabikigongwe.Yibukeko ruriyabandi rutatwibagiye kandi urupfu ntampera unomusi ni Busuguru ejo azobariwewe.

  • Uyo mwana wamujije iki kweri haritongo mwapfa nuko yariko araharanira agateka kuwomwariko muracinyiza nukuri mumenyeko mutari ibinani nejo numunsi nuko mwica abo mutarya gusa

  • aba bose bagir,Imana kuk turimugihu amategeko bayabona uko bagomvye,nakandi atamuntakibabaruwundi kk iyo siguro irateyubwoba,ntanibwifashe akajimbere yababibwira nahumuntu yobafisicaha inyishu sigupfa.

  • Umwanya mudashaka gusubiza ivyo mwanyaze benevyo,mwirya myaka mwikinga mukiza mukishikiriza ,amazu,imiduga,amatongo.nibindi nibindi ntarinze kudondagura,muracafise ingorane,abapfa bobo baracapfa nsimbabesha,va muvyabandi murabe ko hari ngorane musubira kwunva mugihugu,

  • None uwomugabo ajezwe iki?Aubwo arijewe nacandamupfunga.Umuryango mwihangane siko bizoguma.

  • Mbegaga aho ntubona ko uriko aradukinira kumuvyimba? mbega uyo mu polici wumvise ko yatinye kuguma mubitaro wewe woba warabajije abanganga ko bidakenewe ko avugwa? Mbega iyaba awawe wagira uko? Mbega ko yatanguye kudawa amaraso mwijoro mwoba mufise reanimation mu mpimba? nimba mutayifise aho umwana wawe yodawa amaraso uca umujana kuri dispansaire ?Canke wo womujana kwivuriro uzi ko rifise ibikoresho bikwiye? Turagusavye ntusubire kudukora munkovu kandi ntitukwifurije ko ivyatubayeko vyogushira kuko turi aba christo .IMANA IZE IKORE IBIBEREYE.

  • Umuryango waraje kumusi wa mbere itariki 10/03/2103 isaha munane zumutaga .Kandi yari yatanguye kuremba arananka no kwinjira mwibohero kuko yaguma avuga ko amagara amukitse ,Umuganga wanyu yavuze ko ari imiti afata iriko irakora.
    Rero ntusubire kuvuvuga ko umuryango utaje nkuko wavyivugiye ngira ntiwamenyeshejwe murico gihe banza uvugane nabo utwara

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.