Accueil > Amakuru > umutekano > Uwutwara umugambwe FNL mu Rumonge yanyurujwe
Uwutwara umugambwe FNL mu Rumonge yanyurujwe
mardi 21 Ruheshi 2016, par
Umukuru w’umugambwe FNL mu ntara ya Rumonge ntawuzi irengero ryiwe kuva mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere. Emmanuel MINANI batazira KANA yanyurujwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bamusanze mu bunywero mu Gatumba, aho yariko asangira urukanwa na bagenzi we nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro.
Abo bantu bitwaje ibirwanisho bari bambaye impuzu zisanzwe (Tenue civile) bashitse babwira abari kumwe n’uwo yanyurujwe ko bobakurikira. Bose uko bari batandatu baciye bajanwa berekeza mw’ishamba rya Rukoko.
Inyuma y’amasasu menshi yumvikanye, batanu mubari bajanye na Emmanuel MINANI bararekuwe, ariko uwo arongoye umugambwe umugambwe FNL mu Rumonge akaba atagarutse.
Mu muryango wiwe amakenga ni menshi, bagasaba igiporisi ko hokorwa amatohozwa, abanyuruje uwabo bamenyekane, yongere arekurwe. Igiporisi kikaba caciye gita muri yompi abo bari bafatanwe hamwe nawe mu nyuma bakarekurwa, mu giporisi bagasigura ko ari ku mvo z’amatohoza.
Jacques BIGIRIMANA, umukuru w’umugambwe FNL ku rwego rw’igihugu nawe nyene asaba igiporisi ko amatohoza yokorwa, akavuga ko uwo Emmanuel MINANI yari amaze iminsi arungikirwa ubutuma bumutera ubwoba.
IGIHE
Messages
21 Ruheshi 2016, 20:04, par MUYAHUDI
ARIKO ABANTU DUSIGAY TUDAKUNDA UBUZIMA BWACU UWOBATWAY YOSIGURA GUT KOBARIBAMAZ IMISI BAMUTERUBWOBA HAMA AGACA YIIJAJARA BIRENZ HAKAGERA 10h30 ACICAY MUKABAR MWUMVA YIKUNDA?
21 Ruheshi 2016, 20:29, par Peace
Ntivyoroshe kweli.Nuwo nawe?
21 Ruheshi 2016, 21:15, par nepo
Ntakundi
21 Ruheshi 2016, 21:53, par Njonongo
Abacu Barabamaze Ariko Imana Iratubona Abasigaye Twihangane
21 Ruheshi 2016, 21:55, par Njonongo
Abacu Barabamaze Ariko Imana Iratubona Abasigaye Twihangane
21 Ruheshi 2016, 22:11, par SIBOMANA
NUKURI UYOMUNTU KOYARI YABIMENYE NTIYARI KWIYANZWAKO ARIKO IGIPORISI KOBAHAWE UMUCO NIBABIKOREREKO BARABE KOBOROKORA UBUZIMA BWUWO MUNTU
22 Ruheshi 2016, 17:10, par MUGISHA: PASCAL
NIBARABE KUKO TWHEZE
8 Mukakaro 2016, 15:47, par Imana
Imana Ntawuyitiranya