Umurwi "Burundi Peace One Love" uriko witegurira guhimbaza umunsi wo kwibuka Bob Marley. Mu gihe Uburundi bukeneye abantu bazana amajambo y’ihumure, uno mwaka bazokwibuka cane cane ibikorwa vya Bob mu guhuza abantu, mu mpanuro n’urukundo.
Carton Ntirampemba azwi kw’izina rya Americain avuga ko Bob yari umuhuza w’abantu biciye mu butumwa yatanga mu ndirimbo ziwe zisaba urukundo, umwumvikano, zihamagarira kandi abantu kuba umwe. Eka n’ibikorwa vya Bob Marley vyo gufasha abagowe, abari mu (...)
Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Burundi Peace one Love
Burundi Peace one Love
-
Carton Ntirampemba: Uburundi burakeneye abantu bameze nka Bob Marley
3 Ndamukiza 2015 -
Umurwi Burundi Peace One Love washize ahabona urukwirikirane rwa mbere
3 Ndamukiza 2014Urukwirikirane rwa mbere rw’umurwi Burundi Peace One Love rwagiye ahabona. Rugizwe n’indirimbo 10, zimwe zivanze ikirundi n’icongereza. Zakozwe kandi ku ntererano y’abahinyanyuzi batandukanye.
Ntirampeba Carton azwi kw’izina rya Americain, ni umwe mu bagize umurwi Burundi Peace One Love, ku bwiwe urwo rukwirikirane bise "Intimba y’abanyororo"(izina rya rumwe mu ndirimbo ziri mu rukwirikirane) indirimbo zirimwo zifise ubutumwa bw’amahoro, gusubiza hamwe, agateka ka zina muntu n’ubutungane. Ubwo (...) -
Imirwi y’abaririmvyi izohurira mu kigo c’urwaruka co mu Kamenge
11 Ruhuhuma 2014Ikigo c’urwaruka co mu Kamenge «Centre Jeunes Kamenge» kiriko citegurira guhimbaza umunsi w’abafata mu mugongo ico kigo. Kuri uwo munsi, ni akaryo keza k’umurwi wa Burundi Peace One Love ko kuzoca ushira ku mugaragaro urukwirikirane rwa mbere.
Kuri uwo munsi wa gatanu w’igenekerezo rya 15 Ruhuhuma, mu gihe ikigo c’urwaruka co mu Kamenge kizoba kiriko gihimbaza umunsi w’abafasha ico kigo mu kurangura ibikorwa, imirwi itari mike y’abaririmvyi yaratumiwe kuzoshigikira ivyo birori. Uwo munsi nyene, (...)