Umuririmvyi NIKUZE Bonfils azwi kw’izina rya "Bobona" yasiguye igituma yasubiriyemwo uririmbo rw’umuririmvyi Bahaga. Agiye no gukora amasanamu y’indirimbo zigize urukurikirane rwiwe rwa kabiri.
Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Bobona > Inkuru
Inkuru
-
Bobona yasiguye igituma yasubiyemwo ururirimbo rw’abandi
20 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA -
Bobona mu giteramo ca mbere inyuma y’itsinzi muri "Prix Decouvertes RFI 2014"
15 Nzero 2015Inyuma yo gutwara ikibanza ca kabiri mw’ihiganwa "prix decouvertes RFI 2014", umuririmvyi Bobona azogirisha igiteramo ca mbere mu ntumbero yo gushimira uwo wese yagize ico aterera kugira aronke ico kibanza mu bihangange vy’abaririmvyi bo muri Afrika.
Igiteramo ca mbere inyuma y’ihiganwa rya "prix decouvertes RFI 2014, Bobona azovuza indirimbo ziwe zamushikanye mw’ihiganwa hamwe n’izindi nshasha nka "nta kibazo" n’urundi adashaka kuvuga izina. Nk’uko Bobona abivuga, abakunzi biwe b’imiyabaga (...) -
Bobona arashima ikibanza yaraye ahawe mw’ihiganwa "Prix Découvertes RFI 2014"
19 Munyonyo 2014Ihiganwa rya Prix Découvertes RFI 2014 ryaraye rirangiye, umuririmvyi Bobona yarahagarariye Uburundi mw’ihiganwa yaronse ikibanza ca kabiri, ati : "Vyose ndabikesha uwo wese yagize ico aterera haba mu kuntora haba kumenyekanisha. Umuririmvyikazi avuka muri Sénégal niwe yatwaye ikibanza ca mbere.
Umuririmvyikazi wo muri Sénégal Marema niwe yaraye atsindiye agashimwe ka "Prix Découvertes RFI 2014". Umurwi utanga amanota urongowe na Fally Ipupa watoye Marema mu bandi 10 bari mw’ihiganwa kubera (...) -
Umuririmvyi Bobona mw’ihiganwa "Prix Découvertes RFI 2014" : Ubutigu burageze
17 Munyonyo 2014Ihiganwa rya "Prix Découvertes RFI 2014" rigiye kurangira. Umuririmvyi Bobona ari muri 10 batowe guhiganirwa gutwara agashimwe, avuga ko ata gisigaye atari kurindira ikizovamwo.
Aho bukera kw’igenekerezo rya 18 Munyonyo, umurwi ujejwe gutanga amanota urongowe na Fally Ipupa uzokorana kugira utangaze umuririmvyi atsindiye agashimwe ka "Prix Découvertes RFI 2014" gahiganirwa abaririmvyi bo muri Afrika. Bobona canke Nikuze Bonfils yaserukiye Uburundi muri iryo higanwa agira ati : "Ubutigu (...) -
Umuririmvyi Bobona :" Intsinzi yanje kuri RFI ni iy’Abarundi bose"
10 Gitugutu 2014Umuririmvyi Nikuze Bonfils azwi kw’izina rya Bobona asaba Abarundi bose kumuronsa amajwi maze atware agashimwe gatangwa n’insamirizi y’Abafaransa RFI.
Mu kiganiro Bobona yahaye abamenyeshamakuru amenyesha ko kuba umurundi yavuye mu baririmvyi bagera ku majana atatu bo k’umugabane wa Afrika bari biyandikishije wewe akaba yatowe muri 10 ba mbere, abona ko ari iteka nta ngere kuri we nk’umuririmvyi w’Umurundi, n’iteka kandi ku gihugu aho kiriko kimenyekanishwa n’abanyamyuga baco. Bobona avuga ko (...) -
Bobona yateramishije abanyabujumbura n’ibiteramo bibiri
11 Munyonyo 2013Umuririmvyi Bobona yaraye arangije urukurikirane rw’ibiteramo 2 vyo kumenyekanisha “IKIRANGAMISI”, urukurikirane rw’indirimbo yasohoye mu 2012. Ku mugoroba w’uwa gatanu Bobona yakoze igiteramo ca mbere mu kigo c’abafaransa. Ku w’Imana akomeza kuryohera abanyabujumbura mu giteramo ca kabiri mu kigo c’urwaruka co mu Kamenge.
Mu ntumbero yo kumenyekanisha urukurikirane rwiwe “ IKIRANGAMISI ”, Nikuze Bonfils azwi cane kw’izina Bobona yararemesheje ibiteramo bibiri ku mpera y’indwi twaraye (...) -
Bobona agiye gukora ibiteramo 2 ku rukurikirane “Ikirangamisi”
29 Gitugutu 2013Umuririmvyi w’umurundi Bobona agiye gukora ibiteramo 2 mu ntango z’ukwezi kwa Munyonyo. Intumbero akaba ari ukumenyekanisha urukurikirane rwiwe rwa mbere “Ikirangamisi”. Urukurikirane rw’indirimbo 12 atari bwaronkere akaryo keza ko kuzimenyekanisha.
Umuririmvyi w’umurundi aririmba indirimbo zo mu midiho ya Salsa, Funky n’umudiho kavukire ucanze n’uwanone (tradimoderne) agiye gukora ibiteramo bibiri i Bujumbura. Bobona afadikanije n’umurwi wiwe "Abahigi" akaba azoshimikira k’urukurikirane rwa mbere (...)