IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Bobona > Inkuru > Bobona agiye gukora ibiteramo 2 ku rukurikirane “Ikirangamisi”

Bobona agiye gukora ibiteramo 2 ku rukurikirane “Ikirangamisi”

mardi 29 Gitugutu 2013

Umuririmvyi w’umurundi Bobona agiye gukora ibiteramo 2 mu ntango z’ukwezi kwa Munyonyo. Intumbero akaba ari ukumenyekanisha urukurikirane rwiwe rwa mbere “Ikirangamisi”. Urukurikirane rw’indirimbo 12 atari bwaronkere akaryo keza ko kuzimenyekanisha.

JPEG - 170.9 ko
Igifuniko ca CD y’urukurikirane "Ikirangaminsi"

Umuririmvyi w’umurundi aririmba indirimbo zo mu midiho ya Salsa, Funky n’umudiho kavukire ucanze n’uwanone (tradimoderne) agiye gukora ibiteramo bibiri i Bujumbura. Bobona afadikanije n’umurwi wiwe "Abahigi" akaba azoshimikira k’urukurikirane rwa mbere amaze gusohora: “Ikirangamisi”. Kw’igenekerezo rya 8 Munyonyo mu kigo c’abafaransa co mu Burundi (IFB yahoze ari CCF) hamwe n’itarike 10 Munyonyo ku kigo c’urwaruka co mu Kamenge, niho ivyo biteramo bizobera. Nk’uko Bobona yabitwiganiye, urwo rukurikirane yarukoreye igiteramo kimwe rudende kugeza ubu kuko yaciye aja mu gihugu c’Ubutariyano. Ubu rero amaze igihe yaratahutse, avuga ko ari akaryo keza ko kumenyekanisha urwo rukurikirane ndeste n’abantu bamumenye nk’umuririmvyi “akigira intambe ya mbere”(ugukora urukurikirane).

Bobona avugako urwo rukurikirane “Ikirangamisi” ruzogurishwa mu giteramo co ku kigo c’abafaransa co mu Burundi ku kiguzi kingana n’inoti nkuru y’igihugu (ibihumbi 10). Yongerako ko, bivanye n’uko ama CD y’urwo rukurikirane ari make, mu giteramo co mu Kamenge ayo ma CD atazoboneka. Aha twobamenyesha ko kandi ariko arakora n’amasanamu y’indirimbo zigize urwo rukurikirane uretse “Amarembe” na “Ntiwansezeye”, indirimbo 2 zimaze gukorerwa amasanamu.

Bobona yoba ari nde?

Izina Bobona rivuye muritazirano “ Bonfils” hamwe na Bona ( Richard Bona, umuririmvyo Bobona akunda cane haruhande ya Lukua Kanza). Amazina y’ukuri ya Bobona ni Nikuze Bonfils. Bobona ni umuririmvyi w’umurundi yavukiye mu gisagara ca Bujumbura muri komine Gihosha kw’igenekerezo rya 20 Rusama 1986. Imfura mu muryango w’abana 3, Bobona yatanguye amashuri matomato kw’ishure ritoya ryo mu Gihosha afise imyaka 6. Yabandanirije amashure yisumbuye kw’ishure Lycée Centrale Saint Gabriel. Yahejeje amashure yisumbuye mu mwaka w’2009 kw’ishure ryisumbuye Lycée de l’Humanité.

JPEG - 53.1 ko
Bobona mw’igihanwa Tirafuorilalingua mu Butariyano

Ukuririmba kwa Bonfils Nikuze ubu azwi kw’izina rya Bobona kwatanguriye mu gukunda ukumviriza umuziki w’abaririmvyi nka Canco na Nikiza David. Aho yarafise imyaka iri hagati ya 14 na 15. Ukuririmba birakura, atangura kwiga gucuraranga igitari ari mu mwaka w’9 w’amashure yisumbuye. Aho ni mu gihe ata muntu n’umwe mu muryango iwabo yarasanzwe aririmba. Yahavuye yegera ikigo c’urwaruka co mu Kamenge. Aho yaciye aja mu murwi “Hope Street” wa Steven Sogo. Umurwi yaririmvyemwo mu kwitabira. Umurwi Hope Street yawumazemwo imyaka 6. Uno yawuvuyemwo atanguye kuririmba ku giti ciwe mu mwaka w’2011. Muri uwo mwaka nyene, umuririmvyi Bobona niho yagirana ubugeni n’umutariyanokazi yitwa Rota Camilla. Urwo rugo ruraheza rwunguka umwana w’umuhungu, Nikuze Dareck, kw’igenekerezo rya 3 Munyonyo 2011.

JPEG - 390.7 ko
Bobona kumwe n’umutambukanyi wiwe n’ikibondo ciwe

Indirimbo ya mbere Bobona yasohoye yitwa “Mbariza”. Muri Mukakaro 2011, Bobona agiye mu Butariyano, yagumye muvy’umuziki, kukaba nkako Roti, umutambukanyi wiwe, asanze ari umucuraranzi w’umwironge. Abagenzi b’uno babaye aba Bobona maze abandanya umuziki. Ubu Bobona ari mu gihugu ciwe c’amavukiro yarashinze umurwi “Abahigi” kandi ari no mu murwi wo mu Butariyano witwa “ASKAN WI”. Umurwi amaze kuririmbamwo n’indirimbo mu Kirundi.
Mw’ihiganwa ry’imirwi 23 mu Butariyano, indirimbo “Ndakuyagire” ya Bobona yaronse ikibanza ca 2.

Bonfils Nikuze batazira Bobona mu bintu akunda, akunda ikiyago hamwe n’abagenzi bateramiye ku gakanywa. Nayo ikintu yanka mu buzima, aranka abantu b’iryarya bamwe ba “berakumenyo”.

Amasanamu y’indirimbo"Amarembe" yaririmbwe na Bobona


INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.