IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Bobona > Inkuru > Bobona yateramishije abanyabujumbura n’ibiteramo bibiri

Bobona yateramishije abanyabujumbura n’ibiteramo bibiri

lundi 11 Munyonyo 2013

Umuririmvyi Bobona yaraye arangije urukurikirane rw’ibiteramo 2 vyo kumenyekanisha “IKIRANGAMISI”, urukurikirane rw’indirimbo yasohoye mu 2012. Ku mugoroba w’uwa gatanu Bobona yakoze igiteramo ca mbere mu kigo c’abafaransa. Ku w’Imana akomeza kuryohera abanyabujumbura mu giteramo ca kabiri mu kigo c’urwaruka co mu Kamenge.

JPEG - 46.9 ko
Bobona mu giteramo co kuri IFB

Mu ntumbero yo kumenyekanisha urukurikirane rwiwe “ IKIRANGAMISI ”, Nikuze Bonfils azwi cane kw’izina Bobona yararemesheje ibiteramo bibiri ku mpera y’indwi twaraye turangije. Igiteramo ca mbere kikaba cabaye ku mugoroba wo ku musi wa gatanu. Aho hakaba hari mu kigo c’abafaransa co mu Burundi (IFB). Mu kibanza cagenewe ibiteramo, Bobona kumwe n’umurwi wiwe ABAHIGI baravugije indirimbo 12 zigize urukurikirane “ IKIRANGAMISI ” baraho barashima . Umudiho w’ikirundi ucanze n’umudiho mvamakungu wabaye umuziki umwe uryohoye wavugijwe n’Abahigi. Bobona yikora mu gahogo, Willy kumwe n’umwigeme Chance baritabiriza, ikirori kirarema. Icibonekeje kuri uwo mugoroba n’uko abitavye ico giteramo batari benshi umuntu agereranije n’ibiteramo bisanzwe bibara muri ico kigo. Uwo twaganiriye, yari yitavye ico giteramo we yagize ati: “Nuko abantu bataramumenya”.

Bobona mu giteramo co mu kigo c'urwaruka co mu Kamenge

Ku munsi w’Imana, ku muhingamo, mu kigo c’urwaruka co mu Kamenge, Bobona n’umurwi ABAHIGI bari bitabwe n’abantu benshi. Uri abato,uri abakuze ndetse n’abahumure bakibasha bari bishikiye mu kibanza cabereyemwo ico giteramo. Ku munwa ya bamwe bamwe umuntu yarabona, akanumva ko izo ndirimbo z’urukurikirane “ IKIRANGAMISI ” atari nshasha kuri bose. Igiteramo kigeze hagati, igicu ca rakuvye, akavura karatonyanga, ariko nticabujije ko abitavye ico giteramo baguma muri ico kibanza. Eka Bobona n’umurwi wiwe ntibahagaritse gushikiriza abaraho agakemanyi bari babatekerereye. Kanatsinda, mu vyo umuziki, Bobona yakuriye muri ico kigo c’urwaruka co mu Kamenge.

JPEG - 44.2 ko
Bobona n’umurwi ABAHIGI kuri IFB

Muri ivyo biteramo vyompi, Bobona afadikanije n’umuririmvyikazi yitwa Chance, bararirimvye indirimbo “Gaterantimba”. Iyo ndirimbo izwe cane mu myaka y’1980. Ni indirimbo yakunzwe ico gihe ndetse n’ubu vyaboneka ko igikunzwe cane. Bobona akaba yaramenyesheje ko vuba cane, iyo ndirimbo agiye kuyisubiramwo mu nzu y’ubuhinyanyuzi. Aho akaba yari inyuma yaho amenyeshereje ko uruhusha rwo kuyisubiramwo yaruronse. Bobona akaba yarashimye cane uko ivyo biteramo vyagenze.

JPEG - 109.4 ko
Chance na Bobona bariko baririmba indirimbo"Gaterantimba"
JPEG - 31.1 ko
Willy na Chance

INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.