Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Bobona > Inkuru > Bobona mu giteramo ca mbere inyuma y’itsinzi muri "Prix Decouvertes RFI (...)
Bobona mu giteramo ca mbere inyuma y’itsinzi muri "Prix Decouvertes RFI 2014"
jeudi 15 Nzero 2015
Inyuma yo gutwara ikibanza ca kabiri mw’ihiganwa "prix decouvertes RFI 2014", umuririmvyi Bobona azogirisha igiteramo ca mbere mu ntumbero yo gushimira uwo wese yagize ico aterera kugira aronke ico kibanza mu bihangange vy’abaririmvyi bo muri Afrika.
Igiteramo ca mbere inyuma y’ihiganwa rya "prix decouvertes RFI 2014, Bobona azovuza indirimbo ziwe zamushikanye mw’ihiganwa hamwe n’izindi nshasha nka "nta kibazo" n’urundi adashaka kuvuga izina. Nk’uko Bobona abivuga, abakunzi biwe b’imiyabaga bamusavye ko yoririmba ururirimbo rw’urukundo ariko kurukora.
Nk’uko bisanzwe bimenyerewe k’umuririmvyi Bobona, ku munsi w’igiteramo kizobera mu kigo c’abafaransa (institut Francais du Burundi), kizoba "live"bisigura ko ata "playback"azogira. Ku bw’ivyo imyiteguro arayirembeje kugira azoshikane imbere y’abakunzi biwe ikintu gitomoye.
Tubibutseko ata giteramo yari bwategure kuva atwaye ikibanza ca kabiri muri "prix decouvertes RFI". Iruhande y’ivyo, n’umuririmvyikazi Marema ava muri Senegal yatsindiye’prix decovrtes RFI 2014"nta gashimwe arahabwa, Umunsi kamushikiriye Bobona azoheza abimenyeshe abakunzi biwe.
Igiteramo kizotangura igihe c’isaha imwe z’ijoro(19h00), ku bw’imvo z’umutekano w’ikigo n’abanywanyi baco hamwe n’abantu isinzi bakunze kwitaba igiteramo ca Bobona, icegera c’uwurongoye ikigo c’Abafaransa Helene Foulard asaba ko abantu boza kare kuko bazosaka umwe umwe ibirwanisho kugira igiteramo kizobe mu mutekano ntangere.
Raba aha abasanzwe bagize umurwi wa Bobona bazoba bari kumwe mu giteramo
Umviriza urabe n’isanamu y’ururirimbo "Inumire" rwari mw’ihiganwa
Cherif Nkeshimana
Messages
15 Nzero 2015, 11:28, par inyishu
ko noe mutatubwiy kwinjira nangah?.abandi batumir ni band?
15 Nzero 2015, 13:29, par countryman
Abana n’abanyeshuri bazokwinjira kuri 2500frbu, abakuze: 4000frbu, abanyamahanga: 7000frbu, rep a Inyishu
15 Nzero 2015, 18:08, par So
Ijwiryanje nagubaye ntiryapfuyubusa shimye cane.