N John yaraye atahutse mu gihugu c’amavukiro yiwe inyuma yo guhungira mu bihugu bibanyi. Uwo muririmvyi ntiyagumye yinyegeje gusa aho yari, kuko yavuyeyo akoze indirimbo zitari nke kandi akoranye n’abandi baririmvyi.
Inyuma y’amezi ashika 3 ahunze igihugu, N John Melodica yaraye atahutse mu Burundi. Avuga ko yitavye akamo umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imicokama yaheruka gutera Abaririmvyi bivugwa ko bahunze igihugu kubera umutekano muke. Uwo muririmvyi yakiriwe n’umushikiranganji (...)
Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > N John > Inkuru
Inkuru
-
N John Melodica ahungutse yakiriwe n’umushikiranganji w’urwaruka : Amafoto
13 Ndamukiza 2015 -
N John melodica agiye kwitaba akamo k’umushikiranganji w’urwaruka
2 Ndamukiza 2015Akamo k’umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama gaterwa abaririmvyi bahunze igihugu kubera imvo z’umutekano muke; karatanguye gukora kuri bamwe. N John ari mu ba mbere bipfuza kugaruka mu gihugu, n’indirimbo ariko asohora zirumvikana ko ashaka gutaha.
N John Melodica amenyesha ko agiye gutahuka vuba mu gihugu c’amavukiro. uwo muririmvyi avuga ati:"Ndasaba umutekano wanje wubahirizwe, umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama nk’uko yabivuze, nipfuzako umuntu agumana agateka kiwe". (...) -
N John ariko akora ibiteramo n’indirimbo bikomeye mu buhungiro
16 Ntwarante 2015Umuririmvyi N John Melodica ntiyareze amaboko naho ari mu buhungiro, gukorana n’abandi baririmvyi n’abahinyanyuzi, ibiteramo, indirimbo nshasha, nivyo ariko ashimikirako mu kwagura umuziki ndundi. Igiteramo giheruka camuhaye intege.
Amakuru duhabwa na N John iyo yahungiye, avuga ko atigeze arera amaboko kuko niyo yahungiye bararirimba. Kuri uwo wa gatandatu igenekerezo rya 14 Ntwarante, N John Melodica afadikanije n’umurwi Baino Bandbagize igiteramo c’agakura ahitwa PIZZA GARDEN. John (...) -
N John Melodica akitswe n’amagara mu buhungiro
27 Nzero 2015N John arakitswe n’amagara iyo ari mu buhungiro. Kuva ahungiye mu mahanga nta gahengwe araronka, eka n’umuryango wiwe urabangamiwe n’abantu bawutera ubwoba.
Umuririmvyi N. John yamenyesheje ikinyamakuru IGIHE ko akitswe n’amagara, ivyo rero si ubwa mbere arwaye kuva aho ahungiye igihugu kubera iterabwoba. Uwo muririmvyi atubwira ko yibaza ko ari ivyo kurya vyamunaniye. Abandanya avuga ko yariko amenyerana n’abaririmvyi hamwe n’abahinyanyuzi b’aho ari, aho mu munsi ya vuba yagomba gusohora (...) -
Ubutumwa bukomeye N John yarungikiye urwaruka iyo ari mu kinyegero
16 Nzero 2015Inyuma yo guhunga igihugu, iyo ari mu kinyegero umuririmvyi N John asaba urwaruka kwirinda kuba ibikoresho vy’abanye poritike. Avuga kandi ko agiye kuririmbira iyo yahungiye.
Umuririmvyi N John yahunze igihugu kuva aho ururirimbo "Ndasavy’Ijambo rutsindiye "Isanganiro Awards 2014"bigatuma bamwubakire icibutso mu ntara ya Karuzi. Uwo rero avuga ati:"Mbwira abarundi gufatana mu nda tumenyeko kudasangira umugambwe, kudasangira ivyiyumviro ntibitume tubipfa. Ubuzima bw’umuntu ntibwari bukwiye (...) -
Icibutso cubakiwe umuririmvyi N John kirabomorwa
29 Kigarama 2014Icibutso cubakiwe umuririmvyi N John kurasiturwa kw’ubw’itegeko rivuye mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. N John avuga ko atigeze aronka amahoro kuva ico cibutso cubakwa, yahamagawe agasakisaki mw’iperereza.
Inyuma y’amezi make mu ntara ya Karuzi hubatswe icibutso c’umuririmvyi N John yaheruka gutsindira ihiganwa rya « Isanganiro Awards 2014», hasohotse itegeko ryo kubomora ico cibutso. Ico cibutso cubatswe kwitegeko rya buramatari w’i ntara ya Karuzi aho yavuga ko bafise (...) -
Intara ya Karusi izokwakira igiteramo ca mbere c’ishimwe
24 Kigarama 2014Umuririmvyi N John Melodica buca aremesha igiteramo ca mbere mu ntara yiwe, ati:" Iminwe iryoha inyurana" kuko iyo ntara yaheruka kumutera iteka ryo kumwubakira icibutso ciwe ku murwa mukuru w’intara.
Intara ya Karusi izokwakira ku ncuro ya mbere igiteramo c’umuririmvyi N John Melodica, inyuma yo kumwabakira icibutso ku murwa mukuru w’iyo ntara kubera agashimwe ka Isanganiro Awards 2014 yatsindiye. N John asigura intumbero y’igiteramo uku :" Igiteramo twagiteguye mu ntumbero yo kwipfurizanya (...) -
Umuhinyanyuzi Black Arthur ntiyorohereje umuririmvyi N John
24 Munyonyo 2014N John ari ariko aca ku biti ku mabuye kugira isanamu y’ururirimbo "Ndasavye Ijambo isohoke imbere y’uko umwaka w’2014 uhera. Naho biri uko, umuhinyanyuzi Black Arthur ntiyamworohereje, ari nakwo kumuheba.
N John yari yipfuje ko Black Arthur yokoze isanamu y’ururirimbo "Ndasavye Ijambo", ariko uwo muhinyanyuzi ntiyamworohereje. Black Arthur amaze guhembwa amahera yose kugira akore iyo sanamu, ntiyashatse ko igikorwa kinyaruka kandi N John yashaka ko isanamu isohoka vuba. Amaze kubibona uko, (...) -
Umwaka w’2014 wabaye mwiza ku muririmvyi N John
8 Munyonyo 2014N John ariko agenda ku muvuduko uhambaye. Inyuma yaho intara yiwe ya Karusi yubakiye incibutso ciwe, agira atere iteka ururirimbo rwamuhaye amahigwe yo kuronka ivyo vyose. Eka n’ibiteramo vyo kwigina umwaka birategekanijwe.
Amaze kubona aho ururirimbo "Ndasavye Ijambo" rumugejeje mu kumuha amahigwe yo gutsindira Isanganiro Awards, no guterwa iteka ryo kwubakirwa icibutso mu ntara yiwe ya Karusi akiri muzima, N John nawe agira ashimire urwo ruririmbo.
Igikorwa c’isanamu y’ururirimbo "Ndasavye (...) -
Hafi y’icibutso ca Rwagasore hazokwugururwa icibutso c’umuririmvyi N John
23 Gitugutu 2014Icibutso cubakiwe umuririmvyi N John cari kimaze iminsi kivugwa kigiye kwugururwa icese imbere y’abavukantara ba Karusi. Ni imboneka rimwe aho umuririmvyi yubakirwa icibutso ku murwa mukuru w’Intara.
Hafi y’icibutso c’umuganwa Rudoviko Rwagasore icungu y’ukwikukira kw’Uburundi, hubatswe icibutso c’umuririmvyi N John. Umwe yiguze Uburundi, uwundi yatsinze ihiganwa rya "Isanganiro Awards 2014"ritegurwa n’insamirizi y’Isanganiro akaba yatsinze ku bw’ururirimbo "Ndasavye Ijambo".
Mu kiganiro (...)
0 | 10