Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intara ya Karusi izokwakira igiteramo ca mbere c’ishimwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > N John > Inkuru > Intara ya Karusi izokwakira igiteramo ca mbere c’ishimwe

Intara ya Karusi izokwakira igiteramo ca mbere c’ishimwe

mercredi 24 Kigarama 2014

Umuririmvyi N John Melodica buca aremesha igiteramo ca mbere mu ntara yiwe, ati:" Iminwe iryoha inyurana" kuko iyo ntara yaheruka kumutera iteka ryo kumwubakira icibutso ciwe ku murwa mukuru w’intara.

Intara ya Karusi izokwakira ku ncuro ya mbere igiteramo c’umuririmvyi N John Melodica, inyuma yo kumwabakira icibutso ku murwa mukuru w’iyo ntara kubera agashimwe ka Isanganiro Awards 2014 yatsindiye. N John asigura intumbero y’igiteramo uku :" Igiteramo twagiteguye mu ntumbero yo kwipfurizanya umwaka mwiza. N’umunsi mukuru wa Noel twibutsa abavyeyi ko umuco waje mw’isi wotubera urumuri tukavavanura n’umutima w’amacakubiri, tukubaka igihugu kizira indyane".

N John azoba ari kumwe n’abandi baririmvyi bo mu ntara ya Karusi harimwo umurwi NICE BOYS, Jabaa hamwe n’imirwi y’intambo z’ikirundi, eka n’abandi batari bake ushobora gusoma ku rupapuro ntangazagiteramo ruri aha munsi.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.