IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > AMISOM : Ikiringo Uburundi bwatanze caheze umuti w’ikibazo utabonetse

AMISOM : Ikiringo Uburundi bwatanze caheze umuti w’ikibazo utabonetse

lundi 16 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Ikiringo Uburundi bwari bwatanze kugira amafaranga y’imishahara aheraniwe abasirikare b’Abarundi barungitswe kugarukana amahoro muri Somaliya azobe yatanzwe caheze ata rufaranga na rumwe ruhawe abo basirikare. Reta y’Uburundi iragabisha ko abo basirikare bashobora gukurwa umwanya uwariwo wose muri Somaliya. Ikiringo cari catanzwe na Reta y’Uburundi caheze kw’igenekerezo rya 8 Nzero 2017.

Mw’ikete ryarungikiwe umurwi wo mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika kw’igenekerezo rya 8 Kigarama 2016, Uburundi bwamenyesheje ko mu gihe gushika kw’igenekerezo rya 8 Nzero 2017, abasirikare b’Abarundi boba batarahabwa amafaranga yose y’ibirarane baheraniwe, hashobora kuzofatwa ingingo y’uguhagarika amasezerano ahuza Uburundi n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu bijanye n’ukurungika abasirikare baja kugarukana amahoro muri Somaliya. Mu gihe ikiringo catanzwe caheze ivyasabwe n’Uburundi bidashizwe mu ngiro, ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi bwasabwe ko imbere y’igenekerezo rya 15 Nzero 2017 (indwi twaraye dusozereye), bwoba bwashikirije umukuru w’igihugu c’Uburundi, icegeranyo gitomora ingene abasirikare b’Abarundi bari muri Somaliya botangura gutahukanwa. Ubwo bushikiranganji bwasabwe kandi ko bwoharura ivyonekaye bitewe n’iyo ngingo y’ukudahemba abasirikare b’Abarundi, kugira inzego z’igihugu c’Uburundi ziture ubutungane.

Ayo mafranga y’ibirarane angana gute?

Abasirikare b’Abarundi barungitswe kugarukana amahoro muri Somaliya baheraniwe amafaranga agera ku miriyoni 61 z’amadorare y’abanyamerika, n’ukuvuga ko bamaze amezi agera kuri 11 bataronswa imishahara yabo. Umwe wese muribo akaba yari yandikiwe ku kwezi amafaranga y’abanyamerika agera ku gihumbi kimwe kirenga gato (1028 dollars), ni ukuvuga imiriyoni hafi zibiri n’ibihumbi amajana indwi mu mafaranga y’amarundi.

Intango y’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’ubumwe bwa Afrika

Amakuru ava mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika amenyesha ko haheruka gufatwa ingingo y’uko amafaranga y’imishahara y’abasirikare b’Abarundi atazosubira gucishwa mu kigega ca Reta y’Uburundi. Aho tukabamenyesha ko igice kinini c’imishahara y’abasirikare bari muri AMISOM gitangwa n’umuryango w’ubumwe bwa Buraya, uwo nawo ukaba udafitaniye imigenderanire myiza na Reta y’Uburundi, mbere n’ibihano iyo Reta yari yarafatiwe, ikaba iheruka kumenyeshwa ko ibigumijweko.

Ku rundi ruhande, Reta y’Uburundi ishikiriza ko itarota yemera ko imishahara y’abasirikare b’Abarundi barungitswe kugarukana amahoro muri Somaliya ibashikira itabanje gucishwa mu kigega ca Reta y’Uburundi.

Umushikiranganji w’ukwivuna abansi, Emmanuel NTAHOMVUKIYE yamenyesheje ko ivyashikirijwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, ko imishahara y’abasirikare b’Abarundi bari muri Somaliya izohora ishikirizwa abo basirikare nyene itabanje gucishwa mu minwe ya Reta y’Uburundi bidashoboka, kuko amasezerano y’ukurungika abasirikare muri AMISOM avuga ko ingabo ziguma zihembwa n’ibihugu vyazirungitse.

Kubwa Emmanuel NTAHMVUKIYE, mu gihe ayo masezerano yohinduka abasirikare b’Abarundi bagahembwa n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, vyogira ingaruka zikomeye ku burongozi hamwe n’indero, kuko nk’uko yabishikirije, umusirikare iyo utakimuhemba, bigorana kumusuzuma hamwe n’ukumugenzura mu bikorwa vyiwe.

Uwo mushikiranganji w’ukwivuna abansi yabishikirije mu gihe inama nshingamateka y’Uburundi yari yamutumyeko kugira atange umuco kuri ico kibazo.
Mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, abashingamateka bafashe ijambo basavye uwo mushikiranganji ko yoba arategura abasirikare b’Abarundi, kuko bibaye ngombwa Uburundi buzobavana muri Somaliya.

Uburundi bwatanguye kurungika abasirikare mu gihugu ca Somaliya kuva kw’igenekerezo rya 23 Kigarama 2007. Nico gihugu ca kabiri gifise abasirikare benshi muri Somaliya (abagera ku 5400). Amasezerano hagati y’Uburundi n’ubumwe bwa Afrika yateweko umukono mu mwaka w’2007 avuga ko Uburundi bwiyemeza kurungika abasirikare kugarukana amahoro muri Somaliya, ubumwe bwa Afrika nabwo bukiyemeza gukurikirana ibikorwa vy’abo basirikare ku rubuga, yaba kubategurira ibikorwa, kubaronderera imishahara bahembwa, kubavuza, ugutegura ingene babisikanya n’abandi, hamwe n’ugutanga indishi y’akababaro ku miryango yaburiyeyo abayo.

Mu gihe habaye ukutumvikana, ayo masezerano ategekanya ko impande zompi zicarana zigatora mu mwumvikano umuti w’ikibazo coba ciyadukije, vyanse naho uwurenganijwe akitura sentare zibijejwe.

Reta y’Uburundi iheruka kumenyesha ko igiye kwitwarira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, kuko nk’uko vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, iryo shirahamwe ntiryubahirije amasezerano ajanye n’uguhemba abasirikare b’Abarundi barungitswe kugarukana amahoro n’umutekano muri Somaliya.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko Uburundi budashobora kwihanganira kubona abasirikare b’Abarundi bari muri Somaliya bamaze amezi agera kuri cumi na kumwe badahembwa, ibitandukanye n’amasezerano Uburundi bwateyeko umukono hamwe n’ubumwe bwa Afrika, amasezerano avuga ibijanye n’uguhemba abo basirikare.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagize ati : "Ivy’Abarundi ntibiribwa. Kandi burya Abarundi turafise ingabire ikomeye cane ngaha mw’isi.. Ingabire y’ukuburana. Tuzoburana, tuzobatsinda. Bazoruhuka bayaduhaye, mbere baduhe n’indishi y’akababaro. Ntituzoruhuka batayaduhaye, n’ukudushumbusha birimwo."

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabishikirije mu birori vy’abasirikare, abaporisi hamwe n’abo mw’igendereza bariko bipfuriza umwaka mushasha w’2017 umuryango w’umukuru w’igihugu c’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • President Nkurunziza umengo anfata amakungu ka banyepolitique babarundi batuzwe nukumusega unduhera kugira babeho benga ubumwe bw" African canke Europe abashirako iterabwoba ngo arakurayo abasodo biwe umungo ise yose nta ngabo zisigaye sha baratevye kuvayo mbega bacugira umutekano igihungu kindi iwabo abavyeyi na bavandimwe babi bagandagurwa
    Burimusi sha nashima ishirahamwe rya buraya ryigumije Ayo mahera abasoda bacu bagatahuka

  • Nimubatahukane maze ababirigi boherezeyo abasoda babo. Uburundi burikukiye kandi agasuzuguro nikabi..

  • Bamwihindutse Uwo Mudaseka Ntimuyage Ntakwegerera Amaronko.Ufise Ubwenge Natahure Nakarentibavuga Rumwe.

  • muzaveyo nubundi ntacyo muri gukorayo kandi AU ntikangwa na leta yuburundi abasirikare bazajya bahemberwa kuri account zabo , nimubyanga muzabakureyo hajyeyo abandi bafise disprine badafata abakenyezi kungufu.

  • HAHAHAHAHAHAAAA NDIKO NTWEZWA NAWAMUVUGISHWA WIKINYOMA NGO IMANA IGIYE KUDUHONYA NKIFU YIMIJIRA HIHIHIHIHIIIIIII NONE BIRAHINDUTSE IMANA IGIRA IMUHONYE NABO MUNZU YIWE NATIHANA!!!!!!!!!!!!! ABO BASIRIKARE BAGATAHA BATARONKEJWE AMAHERA YABO BATANGIYE AMARASO BAZOMUTSINDA MIKIRIMBA NDAKENDA NYINA WIWE, NATEREFONE WA TARA MURI COTE DIVOIRE AMUBAZE AYO ABONYE KUBWO IMISHAHARA YABO. BARUNDI MWIRUHUTSE KUKO IMANA IGIRA IDUTABARE TUDATAMYE MUKUDUKURAKO URWO RUSYO RUTURI KUBITUGU.

  • HAHAHAHAHAHAAAA NDIKO NTWEZWA NAWAMUVUGISHWA WIKINYOMA NGO IMANA IGIYE KUDUHONYA NKIFU YIMIJIRA HIHIHIHIHIIIIIII NONE BIRAHINDUTSE IMANA IGIRA IMUHONYE NABO MUNZU YIWE NATIHANA!!!!!!!!!!!!! ABO BASIRIKARE BAGATAHA BATARONKEJWE AMAHERA YABO BATANGIYE AMARASO BAZOMUTSINDA MIKIRIMBA NDAKENDA NYINA WIWE, NATEREFONE WA TARA MURI COTE DIVOIRE AMUBAZE AYO ABONYE KUBWO IMISHAHARA YABO. BARUNDI MWIRUHUTSE KUKO IMANA IGIRA IDUTABARE TUDATAMYE MUKUDUKURAKO URWO RUSYO RUTURI KUBITUGU.

  • KOMUKUBITA AMATAMA MUBUZWA NIKI KUBAKURAYO???????????? UMUSI MUZOBAKURAYO NIWO MUSI BAZOBASUBIRIZA!!!!!!!!! HARI IBIHUGU BIBIRI NTAVUZE VYEMEYE KUBATANGA!!!!!!! MUZOTANGARA NIMUVEYO NIMUVEYO MUBAZANE BAZE KUDUKINGIRA KUKO NATWE MUGIHUGU TURAREMVYE NUBWICANYI!!!!!!!

  • Nibaveyo,.abo,basoda,5400,bashga,igihugu,c,uburundi,bagikingire,inteko,mvamakungu.Kuko,zirimukuza.Gutera,igihugu,cuburundi,zizoza,namaguru,canke,zice,mukirere,canke,zice,mukuzimu.

  • mubatahane basanga amahera yabo ngaho nayahandi mwitegurire guhwera kuko nimwe mubariye kandi kwica nako iwabo sikibazo bazobafyeta!

  • Asha ntimutange nigiceri turabe amanyama yabo
    Pumbafu

  • ndanezerejwe nukumva ko bene wacu bagira batahanwe mugihugu cabo. ariko nkasaba ko batunganirizwa!!!!!!!! umukuru wigihugu na bunyoni bazobe barikora ku makonte yabo muguhemba abo basirikare hama niba tsinda imanza bazisubiza!!!!!!! mwaneye aho mutema none reka abatarukireko hihihihihihiiii

  • ndanezerejwe nukumva ko bene wacu bagira batahanwe mugihugu cabo. ariko nkasaba ko batunganirizwa!!!!!!!! umukuru wigihugu na bunyoni bazobe barikora ku makonte yabo muguhemba abo basirikare hama niba tsinda imanza bazisubiza!!!!!!! mwaneye aho mutema none reka abatarukireko hihihihihihiiii

  • ndanezerejwe nukumva ko bene wacu bagira batahanwe mugihugu cabo. ariko nkasaba ko batunganirizwa!!!!!!!! umukuru wigihugu na bunyoni bazobe barikora ku makonte yabo muguhemba abo basirikare hama niba tsinda imanza bazisubiza!!!!!!! mwaneye aho mutema none reka abatarukireko hihihihihihiiii

  • Nibabahembe,barakoz,pe????

  • Iyo ibintu vyanditse ,ningombw bije mungiro ,abo benewacu botunganirizwa.

  • Nubwo yoba umwana canke umuntu wariwewese yumvirije ayomasezerano AU yasinyiraniye na reta YU Burundi kubijanye noguhemba abasirikare bu Burundi barimuri AMISOM, yoca urworubanza.
    Ubumwe bwaburaya bwaragiye buyoragurira amahera mubakora ubwicanyi mu Burundi bwibaza ngobazobabashikiye igihugu batekeje reta ihari yu Burundi bitarenze umwaka none ngaho birabayangaranye biribonekeje nabi kw’Isi yose ababantu baribazwiko aribobigisha kokwubahiriza amasezerano arikintu gikomeye cane nonengabo barimaramaje kuburyo butsribwabeho kuva intambara Y’ISI yakabiri yarangira!!!

  • Mbe ko aba DD mubandanya muvuga ayamuhe nkaba mbona Ubumwe bwa Buraya bwarinumiye mwabakuyeyo none murindiriye iki?akaba DD kashobotse abo bazoza bavuye muri Somalie bagomba kwihemba imishahara yose mu kwiba no guhungabanya umutekano murindire gatoyi

  • hahaa mbe ko mwibagiwe kuvuga ko ivyiyo mishahara u Rwanda rubifisemwo uruhara?

  • Mbe aha mu gihugu ntabenewanyu bariho? Twarabemeje pe! riherera mumurizo.

  • Nibitahir Mugab Abasomali Bazob Bagow.

  • Baramubarigwa Komera Kumuheto

  • Ariko bashingantahe mwe, mwavanyeyo abasoda ko ubumwe bwa buraya ko bwabafatiye imigambi. None murimo kwinginga, u Burundi kiri mu bihugu 3 bya Nyumba bikennye ku isi, none ubwo mu rumva ijambo ryanyu ryagera he? ahubwo ndabona uburundi gufata umwanzuro byabagoye, ese nibavayo baraja he? ese aho ntihari ibindi bihugu byiteguye kohereza abasoda bavyo. Burundi we urasuzuzuguritse kweli. bitewe na nde?

  • none bamiriki amaherayabo bayafatiyiki?harimwopapawanje ntibobahembabakitahira%

  • Mudufashe Gusenga Kuko Nunva Bitoroshe Nkahamwe Abo Basirikare Boca Batera Akajagari Emwe Vyoba Bitoroshe Emwe Imana Gusa. Jewe Kweri Ebaga Sinzi Ndabonako Nzoba Insoro Gusa Nizo Zoganira Yesu Weeeeee!!

  • NUMUGABOWAGABO,NDAZIKO,AMAFARANGA,YABO,AZOBONEKA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.