Home > Amakuru > u Burundi > Jean Claude KARERWA arahumuriza ku magara y’umukuru w’igihugu bivugwa ko (...)
Jean Claude KARERWA arahumuriza ku magara y’umukuru w’igihugu bivugwa ko atifashe neza
Friday 22 June 2018
Jean Claude KARERWA NDENZAKO avugira umukuru w’igihugu yemeza ko amagara atamukitse umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Kubwa KARERWA ugucumbagira kw’umukuru w’igihugu kwatewe n’uguhinyagara gusa bisanzwe, akemeza kandi atari irya mbere bibaye, kuko yari amaze guhinyagara n’imbere y’aho.
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA asanzwe akunda kandi agakina urukino rw’umupira w’amaguru ntaherutse kuboneka mu bibuga bitandukanye yahora yimenyererezamwo. Umuvugizi wiwe asigura ati :
"Umuntu yahinyagaye ntabandanya kugira imyimenyerezo y’ukunonora imitsi ikoreshwa amaguru. Ntakina umupira w’amaguru ariko si amagara amukitse. Ivyo ni ibintu bisanzwe umuntu wese arahinyagara, ariko uko yari ameze mu kwezi guheze siko ameze uno munsi. Ndizera neza ko mu ndwi nka zibiri canke zitatu azosubira gutanguza za nyigisho z’ukwigisha abarundi kuzirikana igihugu cabo. Izo nyigisho murazi ko azitanga ahagaze, agendagenda."
Kubwa Jean Claude KARERWA NDENZAKO, ntawari akwiye guterwa ikibazo c’ukwo guhinyagara kw’umukuru w’igihugu, kuko, nk’uko yabishikirije mu kiganiro c’abavugizi bose b’inzego za Reta kiriko kibera mu ntara ya Bururi, mu kuyobora igihugu umuntu ntakoresha amaguru, akoresha umutwe n’umutima.
Egide NDUWIMANA
Forum posts
22 June 2018, 17:00, by JsM.com
MUTAMA IMANA IRAMUBONA NTACAZABA TURAVYIZERA
22 June 2018, 18:28, by Yamungu Emanuel,
Mutama tumwifuriza amagara meza.
24 June 2018, 05:43, by Nsengiyumva Yefuta Emmanuel
Andika hano Mukwuri kuvuta mumutima, ndatakambiye Umukama wacu Nyaguhora kungoma Imana ya Isaka Ibrahimu na Isaka Yituzigamire cane umukuru wacu wigihugu nkunda, Petero Nkurunziza Yimukize vyihuta kubwubuntu Bwayo, Amen.
25 June 2018, 15:55, by Dumbuli
Biravugwa ko HE Pierre NKURUNZIZA amagara amukitse ibindi sivyo
27 June 2018, 11:00, by nishimwe dany chrid
mungu atamsaidia atapona
27 June 2018, 21:10, by NZAMBIMANA FIDELE
IMANA YAMA ASENGA AKANAYIRIRIMBIRA IZOMUKIZA BIDATEVYE NATWE ABAMUKUNDA TURAMUSENGERA AMEN.
9 July 2018, 15:33, by bitangimana patrick
Andika hano none nkurunziza azitoza ?