Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi bubandanya kwitegurira inama ya COMESA izobera i Lusaka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > u Burundi > Uburundi bubandanya kwitegurira inama ya COMESA izobera i Lusaka

Uburundi bubandanya kwitegurira inama ya COMESA izobera i Lusaka

Friday 22 June 2018

Filipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi amenyesha ko kuba Uburundi bwaratanguye kwitegurira iyo nama, ari kubera hari amasezerano Reta Uburundi na COMESA bateyeko umukono, ayo nayo akaba ariyo yatanga uburenganzira bw’ugutangura kwitegura.

Kubwa Filipo NZOBONARIBA, abatanga amafaranga yokoreshejwe muri nama aribo ubumwe bwa Buraya, nibo baremereye abafata ingingo muri iryo shirahamwe, bemeza ko iyo nama itakibereye mu Burundi.

Nk’uko yabishikirije mu kiganiro c’abavugizi cabereye mu ntara ya Bururi kuri uwu wa gatanu, Uburundi kubera bufise amakete y’ukwitegura, ico gikorwa kirabandanya gushika aho inama y’abakuru b’ibihugu izokoranira, yemeze ko iyo nama itazobera mu Burundi. Naho biri ukwo, Firipo NZOBONARIBA aremera ko umwizero bw’Uburundi bw’ukwakira iyo nama ari muke.

Mu gihe iyo nama yobera i Lusaka muri Zambiya nk’uko vyashikirijwe na COMESA, Reta y’Uburundi yemeza ko izokwitwara, amafaranga yose yakoreshejwe mu myiteguro iyasubizwe.


Egide NDUWIMANA

Forum posts

  • Ariko Burundi bwa cu, ubu s’ukumara itunga ry’igihugu. Amatariki inama izaberaho COMESA yarangije kuyatangaza kuva 16-17/07/2018 Lusaka/Zambia. None muracashaka gusesagura. Burundi buri mu bihugu 3 byambere bikennye kw’isi none itunga ryagakoze ibindi murimo kurikoresha mu bidashoboka. Tubanze dushake infrastructure (amahoteli meza, imihanda myiza, amaguriro neza, umuyagankuba uhagije, Amazi.. .. , maze murebe ko hari inama bazanga ko twakira

  • Eric uvuze ukuri pe gute gura izi nama mpuzamakungu ntabwo biba byoroshye bisaba infrastructure nyinshi rwose bisaba amafranga menshi rero gukomeza kwitegura mubizi neza ko mutaka yakira ni ukwangiza rwose mais courage igihe kizagera muzakire nyinshi kandi birimo inyungu pee a bene gihugu babona amahera rwose

  • Abategetsi bacu barasetsa rwose ngo bazitwara mbe muzitwarira nde? ko mwamaze gutsindwa,igihe umukuru w’igihugu cacu atagisohoka i gihugu mwamaze kwishira muri embargo (mu kato ) ngo muzitwara mbe ko mwitwaye muvuga ngo umunyarwanda ntazorongora inama nshingamateka ya EAC mbe urwo rubanza mwararutsinze ? Ba mureka kwiha amenyo yabatwenzi. ( ndabasavye mureke iciyumviro canje gitambuke ntawe ndengeye akarimbi.) murakoze

  • Urwanda ruzokwakira inama ya Comonwearth muri 2020.
    Buriya Uburundi ntibuzokwakira inama ya Francophonie muri 2050?

    Murakoze

  • Eric arasetsa, ngo uburundi buri mu bihugu bitatu bikenye kw’isi! Wabikuyehe? Ko ata mfashanyo turonka none tubayeho! Uragenda wibere muri ivyo bihugu bitunze utureke twibere mu Burundi Imana yatwihereye.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.