Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abacamanza 10 bemejwe n’inama nkenguzamateka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abacamanza 10 bemejwe n’inama nkenguzamateka

Abacamanza 10 bemejwe n’inama nkenguzamateka

mardi 17 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine KANYANA yamenyesheje ko abo bacamanza n’abashikirizamanza basabwe ko bemezwa kuko bipfuje gusubiriza abakora muru rwego rw’ubutungane bagiye mu yindi mirimo hamwe n’abandi batakiri hafi.

Abemejwe bazokorera muri sentare ntahinyuzwa ni Anne Marie NKESHIMANA umuhutukazi wo mu ntara ya Rumonge, Celestin NSAVYIMANA umuhutu wo mu Kayanza, Mediatrice KANYANA umuhutukazi ava mu ntara ya Muyinga, Yves NDUWIMANA umututsi wo mu gisagara ca Bujumbura, Godelieve MBONIGABA umututsikazi wo mu ntara ya Bururi hamwe na Jeremie MANIRAKIZA umuhutu ava mu ntara ya Ngozi.

Abandi bemejwe ni Jean SINDAYIZERUKA umuhutu wo mu ntara ya Bujumbura agiye kuba umukuru wa sentare isubiramwo imanza y’i Gitega, Spes Caritas BISHOBOYE agiye kuba umukuru wa sentare ijejwe ivy’intwaro mu gisagara ca Bujumbura, Odette NSHEMEZIMANA umuhutukazi wo gisagara ca Bujumbura agiye kuba umukuru wa sentare nkuru ya Ntahangwa hamwe na Perpetue NDIZEYE umututsikazi ava mu ntara ya Ngozi agiye kuba umushikirizamanaza mukuru wa Repuburika mu ntara ya CANKUZO.

Inama nkenguzameteka yabemeje ijana kw’ijana ku bakenguzamateka 35 bari bitavye hamwe n’abakenguzamateka 3 bari batumye.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.