Accueil > Amakuru > u Burundi > Abadandaza bo mw’ibarabara bashikirije ikibazo cabo ubushikiranganji (...)
Abadandaza bo mw’ibarabara bashikirije ikibazo cabo ubushikiranganji bw’umutekano
mardi 11 Ndamukiza 2017, par
Abadandaza bakora urudandaza ruto ruto rwo mu mabarabara baridogera igiporisi ko kibandanya kibafata kandi bafise impapuro zibaha uburenganzira bw’ugukora, impapuro bahawe n’ubuyobozi bw’igisagaraca ca Bujumbura.
Abo badandaza bavuga ko abaporisi baterekwa izo mpapuro bahawe, kandi zibarekurira gutora ata nkomanzi. Abaserukira abo badandaza bamenyesha ko iyo bahuye n’abaporisi babafata, mbere n’ibidandazwa baba baranguye bigatwarwa n’igiporisi.
Abo badandaza basaba ubushikiranganji bw’umutekano ko bwofata mu minwe ikibazo cabo kigatorerwa inyishu, kuko babuze ayo bacira n’ayo bamira.
Mu giporisi basigura ko batazi izo mpusha abo badandaza bahawe, bagasaba abazitanze ko bobimenyesha igiporisi, kugira nabo bamenye ko izo mpusha ari iz’ukuri, bongere bamenye ububasha bw’izo mpusha aho bugera.
IGIHE
Messages
11 Ndamukiza 2017, 20:03, par Nsaguye
TWEBWE MUKAYANZA DUKORA NEZ ARIKO TWARISHEKOMINE 30000FR UBU IGIPORISI TWOGISABAKO BOZA BARAB ABATARARIHA.
12 Ndamukiza 2017, 01:08, par Wakera
Abo ba polisi babatwara ibidandazwa vyabo kuko Sebuja Bunyoni atakibagaburira bikwiye! Bacitse nkaba kata nyama bo muri Congo !