IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagumyabanga bo mu gisagara ca Bujumbura batanze intererano y’amatora (...)

Abagumyabanga bo mu gisagara ca Bujumbura batanze intererano y’amatora 2020

vendredi 22 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Umunyabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD mu gisagara ca Bujumbura, Doctor Benjamin NDAGIJIMANA amenyesha ko iyo ntererano bayitanze mu ntumbero yo kwitaba akamo katewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ko gushigikira amatora yimirije yo mu 2020.

Dr Benjamin NDAGIJIMANA yavuze ko igikorwa co guterera amatora ari igikorwa c’umurundi wese kugira bashobore kwegeranya ubwabo uburyo n’ibikoresho bikenewe kugira amatora azogenda neza, ata muntu wo hanze arinze gushiramwo ukuboko.

Umunyamabanga w’ukuru w’umugambwe CNDD-FDD mu gisagara ca Bujumbura yashikirije ko buri muntu mubo bagendanye yatanze intererano yiwe, ariko ko ku giti ciwe, uwo atwara umugambwe CNDD FDD mu gisagara ca Bujumbura, yatanze amafaranga imiriyoni 2 z’amafaranga y’amarundi (2.000.000 Frbu) kandi ko yabonye n’abandi batanze nkayo eka n’ayasumba ayo.

JPEG - 143.1 ko
Dr Benjamin NDAGIJIMANA ,Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD mu gisagara ca Bujumbura

Uyo munyabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD mu gisagara ca Bujumbura yagize ati : «Isosoro rigwirira iyo rija

Dr Benjamin NDAGIJIMANA asaba abagumyabanga bose hamwe n’umunyagisagara wese yipfuza ko amatora azogenda neza, gutanga intererano yiwe kugira hazoshike mu mwaka wa 2020 bamaze kuronka intererano yipfuzwa.

JPEG - 159.5 ko
Abagumyabanga bo mu gisagara ca Bujumbura bahejeje guterera amatora ya 2020

Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Iyo ni publicite bariko bagira. Uca wumva yuko umugambwe wasohoye 2.000.000BIF kugira berekane ko igikorwa co guterera amatora kigenda neza. Iryo segenya ry’abantu bose batanze ayo gusa?

  • BUSURAHENDE:Iyo ni publicite bariko bagira. Uca wumva yuko umugambwe wasohoye 2.000.000BIF kugira berekane ko igikorwa co guterera amatora kigenda neza. Iryo segenya ry’abantu bose batanze ayo gusa?
    Busurahende wewe nigiki kizoguhimbara?????????????????????????????????????????

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.