IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahinga ba ONU basavye CPI kwihutira gutanguza amatohoza ku (...)

Abahinga ba ONU basavye CPI kwihutira gutanguza amatohoza ku Burundi

mercredi 30 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Ico cirwa cemejwe n’inama nkenguzamateka y’Uburundi kivuga ko naho hakiri intambwe Uburundi butaratera mu bijanye n’agateka ka zina muntu, hari ibimaze gukorwa, aho inama nkenguzamateka ikavuga nk’abarundi babandanya guhunguka kubera amahoro ahari mu Burundi. Abakenguzamateka b’Uburundi bakaba basavye abafasha Uburundi ko boha agaciro ivyo Reta y’Uburundi imaze gukora mu bijanye n’ugukomeza agateka ka zina muntu mu Burundi.

Ico cigwa cemejwe mu gihe kuva kw’igenekerezo rya 18 gushika kurya 19 Nyakanga 2017 abahinga ba ONU muvy’agateka ka zina muntu ku Burundi bazoshikiriza icegeranyo c’amatohoza bakoze mu Burundi. Ico cegeranyo kizoshikirizwa mu nama igira iya 36. Muri ico cegeranyo, abahinga ba ONU bavuga ko amabi n’ihohoterwa rya kiremwa muntu bibandanya gukorwa mu Burundi.

Fatsah Ouguergouz, Umukuru w’uwo murwi w’abahinga ba ONU bakoze amatohoza avuga ko ata kimenyetso na kimwe cerekana ko agateka ka zina muntu kateye imbere mu Burundi. Muri urwo murwi bavuga ahubwo ko amakuru bahawe mu matohoza bakoze avuga ko ivy’agateka ka zina muntu vyasubiriye inyuma bagereranije n’icegeranyo cari casohowe mu kwezi kwa Ruheshi i Genève.

JPEG - 218 ko
Fatsah Ouguergouz, Umukuru w’umurwi w’abahinga ba ONU bakoze amatohoza ku Burundi

Abo bahinga bavuga kandi ko amakuru bahawe n’abahohotewe avuga ko ayo mabi yagirizwa abajewe umutekano, abo mw’igendereza hamwe n’urwaruka rw’imbonerakure za CNDD FDD. Abo bahinga basaba Sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI) ko yokwihutira gutanguza amatohoza ku Burundi.

Tubamenyeshe ko abashikiranganji babiri, uw’ubutungane Aimée Laurentine KANYANA hamwe n’uw’agateka ka zina muntu Martin NIVYABANDI batumiwe kuri uwu wa gatatu mu nama nshingamateka, kugira bishure ku bibazo vy’abashingamateka ku bijanye n’ubutungane hamwe n’agateka ka zina muntu. Iryo tumirwa ry’abo bashikiranganji rihuriranye n’ihimbazwa kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 30 Myandagaro 2017, ry’umunsi mpuzamakungu wahariwe kwibuka ababiriwe irengero.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.