IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahoze ku rugamba bavyipfuza bagiye kuzohabwa inyigisho za (...)

Abahoze ku rugamba bavyipfuza bagiye kuzohabwa inyigisho za gisirikare

vendredi 16 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Abasubijwe mu buzima busanzwe babishaka kandi babifitiye bakwije ibisabwa n’amategeko bagiye guhabwa inyigisho za gisirikare kugira igisirikare c’Uburundi kizobikoreko mu gihe bokenerwa.

Umushikiranganji ajejwe ukwivuna abansi amenyesha ko mu gihe abo bahawe izo nyigisho bazoba bariko barakora, bazofatwa nk’abandi basirikare b’Uburundi.

Emmanuel NTAHOMVUKIYE yabwiye abashingamateka kuri uwu wa kane ko igisirikare c’Uburundi kizotegekanya ingene abahoze ku rugamba bashaka gukurikirana izo nyigisho bazokurikiranwa n’ubushikiranganji arongoye, ingene bazotegurwa, hamwe n’ingene bazokwegukira igisirikare.

Mu gihe bazoba bariko barakora ivyo batumwe inyuma y’izo nyigisho, bazofatwa nk’abandi basirikare, umwe wese mu rwego azoba arimwo hamwe n’akazi azoba ariko arakora.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.