IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakeneye kuja mu mirwi itegura amatora mu ntara (CEPI) bahawe ikiringo (...)

Abakeneye kuja mu mirwi itegura amatora mu ntara (CEPI) bahawe ikiringo ntarengwa

vendredi 15 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Abakeneye gushikana ivyo basabwa (Dossier) bafise gushika kuri uwu wa wa gatatu w’indwi iza, ico gikorwa kikazoherana n’isaha cumi n’imwe y’umugoroba.

Amadosiye y’abiyandikisha azoshikanwa ku cicaro c’umurwi CENI ujejwe kutegura amatora, i Bujumbura.

Tubibutse ko mw’ijambo yashikirije kw’igenekerezo rya 12 Kigarama 2017 muri Komine Bugendana, intara ya Gitega, umunsi yariko atanguza icese isekeza ryo gusigurira Abanyagihugu integuro y’impinyanyuro z’Ibwirizwa Shingiro rihasanzwe, zizovamwo Ibwirizwa Shingiro rishasha, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye abagize umurwi CENI ujejwe gutegura amatora ko bobishiramwo ubukerebutsi n’ububangutsi mu gushiraho inzego zo kuwushira mu ngiro izo mpinyanyuro z’ibwirizwa shingiro, haba ku nzego z’intara no ku nzego z’amakomine.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.