IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakenyezi basabwe kwijukira ibikorwa vy’iterambere

Abakenyezi basabwe kwijukira ibikorwa vy’iterambere

mercredi 8 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Uburundi bwifatanije n’isi yose mw’ihimbazwa ry’umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi, umunsi uhimbazwa uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante. Reta y’Uburundi ivuga ko uwo munsi uhimbajwe mu gihe hibonekeza ubukene n’inzara iturutse kw’ihindagurika ry’ibihe.

Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, Martin NIVYABANDI amenyesha ko arico gituma Uburundi bwafashe icivugo c’uwu mwaka kigira giti : "Gukingira ibidukikije, inzira ishikana ku gukiza inzara no kw’iterambere ry’umukenyezi.

Umushikiranganji NIVYABANDI avuga ko hageze ko Abarundi n’Abarundikazi bahindura ingendo, bakavavanura n’ivyiyumviro vy’uko umukenyezi ari uwo ukwibaruka hamwe n’ugufata isuka gusa.

"Turazi ko imiryango myinshi y’Abarundi igitunzwe n’uburimyi, ari naco gituma bibereye ko twungurana ubumenyi mu bijanye n’ugukingira ibidukikije kugira tubashe kuronka ibidutunga. Turazi ko umukenyezi yama yitanga kugira agaburire umuryango."

Uwo mushikiranganji asaba abakenyezi ko bokwitaho kurusha ibikorwa vy’iterambere, kuko ariyo nzira y’uguhangana n’ubukene n’inzara biri mu gihugu. Yahamagariye abakenyezi kwijukira gukorera hamwe mu mashirahamwe.

Uwo munsi mukuru wahibarijwe mu ntara ya Ruyigi, bikaba vyatewe iteka n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, Denise BUCUMI NKURUNZIZA


IGIHE

Messages

  • Umusimukuru wa bakenyezi mpuzamakungu ushitse hano mu Burundi, abakenyezi beshi agateka kabo karahungabanijwe kurugero ruteyubwoba haniwacu. Abakenyezi beshi barafashwe kunguvu mugukorerwa vyafurambi/kubakwa/ nigi porisi abandi baragandaguwe ni giporisi, abandi baratotejwe nabagabo babo bamwe barishwe nabobubakanye,abandi mukubazwa iyabagabo babo bahungiye barakubitwa barimbere ya bana babo. Kubwivye uyumusimukuru ushitse umukenyezi wu Burundi ari mubibazo bidasazwe, nubwo uyumushikiranganji atashimye kuvuga amakuba abakenyezi bagiye barahuranayo. muncamake tutarigusigura ivyinzara, ivyuburundi nuko vyifashe.

  • abirirwa mu mabarabara bazokwiteza imbere ryari?demagogie

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.