Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakomiseri 3 bari mu bagize umurwi w’ukuri no kunywanisha abarundi (...)
Abakomiseri 3 bari mu bagize umurwi w’ukuri no kunywanisha abarundi barahiye
mardi 6 février 2018
Abo ba komiseri batatu barahiye kugira basubirire abatari bakiri muri uwo murwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR, ni Pasitori Clement Noe NZIZA,Patiri Pascal NIYONKURU hamwe na Leonce NGABO.
Umukuru w’umurwi wo kumenya ukuri no kunywansiha abarundi Musenyeri Jean Louis NAHIMANA yamenyesheje ko, ubu bagiye kworoherwa mu bikorwa vy’umurwi bajejwe kuko bahora ari 8 inyuma yaho 3 bahora mur’uwo murwi bagiye mu bindi bikorwa.
Amajambo bagarutseko mu kurahira, ajanye n’uko bazorangura ibikorwa vyabo ata guhengama,ata gukumira kugira bamenye ukuri mu ntumbero yo kunywanisha abarundi, mu kwubahiriza amategeko agenga umurwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi.
Abo bakomiseri batatu basubiriye,Musenyeri Bernard, Patiri Desire YAMUREMYE hamwe na Didace KIGANAHE.
BIKORIMANA Vianney
Messages
6 février 2018, 20:25, par Birorijuru Nathanael
Uwomugwi Nukore Ariko Jewe Menyereye Ko Aba comiser Badya Ibiturire
7 février 2018, 11:59, par thierry mbonihankuye
arik rer naho buramatari yamwankiy gusubira kuvuga aMakuru yamuhOye ubusa