IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakoze ibibazo vy’ukwinjira mu gisirikare c’Uburundi basubiriye (...)

Abakoze ibibazo vy’ukwinjira mu gisirikare c’Uburundi basubiriye gutumwako

lundi 21 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Ikibazo gitanga uburenganzira bw’ukwinjira mu ntwazangabo z’igisirikare c’Uburundi catanguye gukosorwa kuri uwu wa mbere. Ico kibazo cari cakozwe kuri uwu wa gatandatu, abagikoze bakaba bazomenyeshwa amanota baronse ku munsi wa gatandatu. Igisirikare c’Uburundi cabatumyeko gukora ibindi bibazo vy’ukwinonora imitsi

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, Colonel Gaspard BARATUZA amenyesha ko ico kibazo kiriko gikosorerwa mu bigo vy’ishure rya Kaminuza y’igisirikare c’Uburundi kuva kuri uwu wa mbere, akaba yavuze kandi ko kuri uwo munsi wa gatandatu nyene ariho abakoze ivyo bibazo vy’ubwenge bazoca bakora ibibazo vy’ukwinonora imitsi navyo.

JPEG - 26.1 ko
Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

Abakoze ivyo bibazo vya mbere bagasabwa ko boba bashitse ku mirwa mikuru y’intara zabo, igihe c’isaha imwe z’agatondo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.