Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakozi 200 b’ishirahamwe GETRA bari bafashwe
Abakozi 200 b’ishirahamwe GETRA bari bafashwe
mercredi 28 Nyakanga 2016, par
Abakozi bagera ku 200 b’ishirahamwe GETRA bari bafashwe n’igiporisi ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri barekuwe, ariko bakaba bari baraye bose mu ntara ya Cibitoke, ku kibuga c’umupira w’amaguru. Bari bafashwe kw’itegeko rya Buramatari w’intara ya Cibitoke.
Bafashwe bari mu miduga yo mu bwoko bwa Hiace igera kw’icenda, baherekejwe n’imodoka yo mw’ishirahamwe rybakisha, GETRA. Bari bafise inyundo zimena amabuye, amadido y’amazi hamwe n’amasafuriya, bakaba bari bagiye ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda hamwe na Congo, m karere ka Rukana na Muyange.
Nk’uko bavyivugiye, bari bagiye gusitura amabuye y’ugusasa mu mabarabara yo mu ntara ya Cibitoke, ivyo Buramatari w’intara ya Cibitoke yahakanye, avuga ko ata mugambi w’ugusasa amabuye mu mabarabara yo mu Cibitoke uhari.
Mu giporisi bakaba bari biketse ko boba bari mu mirwi yitwaje ibirwanisho ihungabanya umutekano, ari nakwo kubafata.
Buramatari w’intara ya Cibitoke, Joseph ITERITEKA yamenyesheje ko ata ruhusha bari bafise rw’ukuja gusitura ayo mabuye, baca basubizwa mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu iyo baje bava mu gisagara ca Bujumbura
IGIHE
Messages
28 Nyakanga 2016, 15:33, par 3 3 3
Ngo bari bagiye gusitura amabuye?! Abarongoye intara ata n’umwe yabimenyeshejwe! Ko biteye amakenga. Harya mu Rukana ho ni ku mupaka baca bajabuka ata ngorane. Kuko Ruhwa naho itwara abantu iroroshe kujabuka n’amaguru. Bari bakwiye kubagumye bakabarekura habanje gukortwa amatohoza yimbitse.
28 Nyakanga 2016, 19:05, par B J B.
Nukuri Baribakwiy Ibihano Kuko Baratey Amakenga Manini. Arinkanje Nabafashe Narikubanza Kubaha Igiti Kuko Ntibumva Kandi Barasara.Ubworero Bakwiye Guhinyanyugwa.
29 Nyakanga 2016, 06:51, par kibuye
mbona ibintu vyubu bisigay bgye ,bury abnt ntibkigomb iteramber?
29 Nyakanga 2016, 06:53, par kibuye
mbona ibintu vyubu bisigay bgye ,bury abnt ntibkigomb iteramber?
30 Nyakanga 2016, 23:38, par alia
haaaa abo mwise bahungabanya umutekano mwarongeye mubita mujeri none ko bariko baba tera ubwoba erega muzohava mwikanya ninyoni yigurukira hama muguruke nkayo
2 Gitugutu 2016, 05:24, par AHIMBONEYE
BASHAKA ITERAMBERE
3 Gitugutu 2016, 04:24, par Morodikayi Jon
Uburundi bwarikera busigaye arigihonomu, nuwugiye kwironderera akimbati kumwana yitwa uwitwaje ibirwanisho ? nibara kumutemere, murabo biyita kwarabatware nibodusigaye tubona kwarabicanyi bakomeye kuko barinze bafata umuryagihugu,bukeye atorwa ikzigaaaaaa.