IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Spok’s > Abakunzi ba Spok’s bagiye gushikirizwa urukurikirane rushasha (...)

Abakunzi ba Spok’s bagiye gushikirizwa urukurikirane rushasha rw’indirimbo

jeudi 14 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Urwo rukurikirane ruzoba rubaye urwa rwa mbere rwa Spok’s. Nta zina aratora ariko avuga ko ruzoba rugizwe n’indirimbo ziwe za kera, hamwe na nshasha zishika kuri zitanu. Urwo rukurikirane rugiye kuzoja ahabona mu kwezi kwa Munyonyo uno mwaka.

Mu kiganiro "Bararirimba" gica ku nsamirizi "Umuco Fm", Spok’s yarabajijwe ku bijanye na Nancy Gaelle bahora bakundana. Kuri ico kibazo, Spok’s yishuye ko bavanye ariko ko n’ubu bagifitaniye imigenderanire myiza. Uwo muririmvyi aremeza ko agikunda Gaelle, kandi ko bashobora no gusubirana na rirya ataco bapfuye.

Tubibutse ko Spok’s amaze igihe ari muri Kenya, aho ashima intambwe anagezeko. Tubibutse kandi ko amaze gusohora indirimbo zishika kuri icumi, akaba ategekanya gukora urukurikirane ruzovamwo indirimbo ziri hagati ya cumi na zibiri na cumi na zitanu.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.