Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakuru b’ibisagara vyo mu karere k’ibiyaga binini bari mu nama i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakuru b’ibisagara vyo mu karere k’ibiyaga binini bari mu nama i (...)

Abakuru b’ibisagara vyo mu karere k’ibiyaga binini bari mu nama i Bujumbura

jeudi 16 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Iryo huriro ryatunganijwe mu ntumbero yo gukomeza umubano mwiza mu bihugu bigize ibiyaga binini, abatwara ibisagara vyo mu biyaga binini, bafashwe mu mugongo n’umuryango w’abatwara ibisaga bivuga ururimi rw’igifaransa kw’isi yose AIMF.

Iryo huriro rigira gatandatu ry’abategetsi b’ibisagara vyo mu karere k’ibiyaga binini ryatunganijwe ku civugo : "Guha ikibanza urwaruka n’abakenyezi mu ntwaro, isoko ry’itarembere rirama n’umubano mwiza mu bihugu vy’ibiyaga binini."

Muri iryo huriro, Gaston Sindimwo, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko Reta y’Uburundi ataco itazogira kugira uwo mugambi wo gukomeza umubano mwiza mu bihugu bibanyi.

"Reta y’Uburundi yamye igira utwigoro tudasanzwe mu mugambi wo gukomeza umubano mwiza mu bihugu vy’ibiyaga binini. Reta y’Uburundi yabaye iya mbere mu gufata mu minwe uwo mugambi ari naho yaciye itanga umunyamabanga nshingwabikorwa itariki 27/10/2017»

Arongera akavuga ati " « Ni akaryo ko gukomeza ubucuti, gushikiriza ubutegetsi abenegihugu na cane cane urwaruka n’abakenyezi aribo kazoza k’ejo ».

Umushingamateka Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura avuga ko iryo huriro rizotuma urwaruka n’abakenyezi bakomeza ubucuti mu kwegerezwa ubutegetsi, no gufashanya hagati y’ibihugu bigize ibiyaga binini.

Pierre BAILLET, umunyamabanga ntayegayezwa w’ishirahamwe ry’abakuru b’ibisagara bivuga ururimi rw’igifaransa kw’isi yose, AIMF, ashikiriza ko iryo huriro ari intsinzi n’umunezero ku baryitavye. Arongera akavuga ati : « Urwaruka rwa Afrika ni inguvu zikomeye kuri kazoza k’isi. Mu myaka mirongo ibiri, nta nkeka ko urwaruka rwa Afrika arirwo ruzoba rugize isi. Ariko ruhura n’ibibazo vyinshi. Mu mwaka wa 2013, urwaruka rushomereye kw’isi yose rwari imiriyoni 75, muri Afrika honyene hakaba abashomeri imiriyoni 35. Ivyo biharuro birateye ubwoba, bigatuma urwaruka ruja mu bintazi, bagahendwa n’abanyepolitike, ubusuma, n’ibindi. Igikenewe rero n
uko urwaruka rwokwikangura, rukaja hamwe mu kwiyungunganya. Aha turi ngaha, ni ukugira twubake Afrika ikomejwe n’urwaruka n’abakenyezi ».

Jolie Kamuntu, aserukira ishirahamwe ry’urwaruka «Karibu Jeunesse Nouvelle Bukavu» (KJN), asaba abategeka ko boshiraho imigambi yamaho yo guhanahana ivyiyumviro n’uguha ikibanza gikwiye urwaruka mu gufata ingingo.

« Dusavye abategeka ko boduha ikibanza gikwiye mu gutunganya ibihugu vyacu. Turanigigwa mu menshi n’abarongozi bacu. Nta migambi y’iterambere ihari. Naho biri ukwo, mpamagariye urwaruka kuja hamwe, tukagira imigambi yo kwiteza imbere mu butunzi, inkino n’imico kama bikadufasha mu gukomeza ubucuti ».

JPEG - 258.8 ko
Jolie Kamuntu, aserukira ishirahamwe ry’urwaruka «Karibu Jeunesse Nouvelle Bukavu» (KJN)

Emerance Mukankubito nawe aserukira ishirahamwe ry’abakenyezi bitaho iterambere ryo mu mituma mu gihugu c’Urwanda, (Réseau des femmes oeuvrant pour le développement rural) avuga ko ari intambwe ku mukenyezi mwirimizi, bakazofasha guhanahana ibidandazwa mu gukorera mu runani.

JPEG - 242.4 ko
Emerance Mukankubito aserukira ishirahamwe ry’abakenyezi bitaho iterambere ryo mu mituma mu gihugu c’Urwanda (Réseau des femmes oeuvrant pour le développement rural)

Twobamenyesha ko iryo huriro ryatangujwe ubwa mbere igenekerezo rya 20 Nzero 2012, mu gisagara ca Bujumbura.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.