IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abamenyeshamakuru bibukijwe kwiyandisha imbere y’uko umwaka wa 2017 (...)

Abamenyeshamakuru bibukijwe kwiyandisha imbere y’uko umwaka wa 2017 uhera

jeudi 16 novembre 2017

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru yaremesheje kur’uyu wa kane igenekerezo rya 16 Munyonyo 2017, KARENGA Ramadhan arongoye CNC amenyesha ko bamaze iminsi basaba inama nshingamateka na nkenguzamateka ko yohinyanyura itegeko rigenga abamenyeshamakuru.

KARENGA Ramadhan arongoye ikigo CNC avuga ko ikarata iranga umumenyeshamakuru canke umuhinga akora mu gisata co kumenyesha amakuru itanzwe na CNC ari ngombwa kandi ari itegeko.

Umukuru w’urwego CNC asigura ko iyo karata ndangamumenyeshamakuru ifise akamaro kanini mu gihe umumenyeshamakuru ariko ararangura umwuga wiwe,kuko igihe afise iyo karata akagenda gukorera mu ntara canke mw’ikomine , canke k’umutumba bidasaba ko usaba uruhusha.

JPEG - 183.2 ko
KARENGA Ramadhan, umukuru w’urwego CNC

KARENGA Ramadhan arasigura igituma umumenyeshamakuru ategerezwa kuba afise ikarata :

’’Nk’umumenyeshamakuru kandi nkafatira ku vyo Uburundi bwaciyemwo,iyo karata ifasha kugira abajejwe intwaro bamenye ko uwo muntu afise ibikoresho vyo kwegeranya amakuru atari umubeshi, kandi ku mvo z’umutekano irafasha ko akora akazi atekanye.’’

Asaba abamenyeshamakuru gukora bisunze amategeko y’umwuga, bagaha kandi ijambo uwariwe wese yavuzwe mu nkuru kuko uwutabikoze aba aciye kubiri n’amategeko y’akazi.

Arangiza asaba abamenyeshamakuru bose kuja kw’iyandikisha mu kigo kigenzura ingene ibinyamakuru bikora CNC.

Ico kiganiro catunganijwe mu ntumbero y’ihimbazwa ry’imyaka 25 iheze ikigo CNC kibayeho, hamwe n’imyaka 10 Uburundi bumaze bwinjiye mw’ishirahamwe ry’Akarere ka Afrika y’Ubuseruko.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.