IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyagihugu ba Rohero, Bwiza na Buyenzi bari mu bukene bw’amazi

Abanyagihugu ba Rohero, Bwiza na Buyenzi bari mu bukene bw’amazi

mercredi 8 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Jean Paul Nshimirimana ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe REGIDESO amenyesha ko iryo bura ry’amazi muri ayo mazone ryatumwe n’umuringoti utwara amazi muri ivyo bice wononekaye, akavuga ko ibikorwa vyo gusubiriza uwo muringoti vyatanguye, kandi ko bigeze kure.

Jean Paul Nshimirimana ntatanga isango ry’aho ukwo kubura amazi kuzoherera, agasigura ko kubw’ibikorwa vy’ubufundi bikibandanya, atawovuga neza umunsi ico gikorwa co gusubiriza uwo muringoti kizoherera. Ariko yizeza abantu ko ari vuba.

Ikijanye n’uko boshobora kuza baramenyesha abanyagihugu baba muri ayo mazone umwanya mw’ishirajamwe REGIDESO boza baracishamwo mu gutanga amazi buri munsi, Jean Paul Nshimirimana avuga ko kubw’ibikorwa, bigoye kuvuga amasaha borindirirako amazi, ariko agasaba abanyagihugu baba muri ivyo bice ko babonye baronse amazi, boca bavoma ayo bashobora kuba barakoresha mu kurindira ko ivyo bikorwa birangira.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.