IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyagihugu badahabwa umuyagankuba basaba ko ivyo bemerewe (...)

Abanyagihugu badahabwa umuyagankuba basaba ko ivyo bemerewe vyokorwa

lundi 4 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Abo banyagihugu bavuga ko ukwo kudahabwa umuyagankuba gutuma badashobora kurangura neza imirimo ibinjiriza amafaranga. Abo nabo ni nk’abafise amazu y’ubudandaji bw’amata n’amafanta, abakora umwuga w’ugusudira, abafise insyo, n’abandi. Abo banyagihugu bamenyesha ko baca bakora bahomba, kuko bene amazu badandarizamwo babasaba amafaranga y’inzu kandi nabo bataba badandaje.

Umushikiranganji w’ubutare n’agataka, Come MANIRAKIZA, hamwe na Reta y’Uburundi, basabwe gushira mu ngiro ivyo vyemerewe abanyagihugu. Aho twobamenyesha ko n’icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Alain Diomede NZEYIMANA nawe yari yemeje ko ikibazo c’ikena ry’umuyagankuba kizoherana n’ukwezi kw’umunani umwaka wa 2017.

Alain Diomede NZEYIMANA yari yavuze ko Reta y’Uburundi yiyemeje gukora ibishoboka vyose, kugira ikibazo c’umuyagankuba gitorerwe inyishu vuba cane, gutyo abanyagihugu babandanye gukora ibikorwa vyo kwiteza imbere.

Mu ntumbero yo gutorera inyishu ico kibazo, mu biro vy’umukuru w’igihugu bari bamenyesheje ko hari izindi ngomero z’umuyagankuba ziyongera ku zari zihasanzwe ziriko zirubakwa mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bamenyesha ko ico kibazo catevye gutorerwa inyishu kubera ibikoresho bimwe bimwe vyashitse bitevye. Muri ubwo bushikiranganji bizeza abanyagihugu ko mu minsi ya vuba, ico kibazo c’ugukuranwa mu kuronka umuyagankuba kutazoba kikivugwa.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Ni vyiza ko baguma batubwira aho bagejeje mu gutorera inyishu ico kibazo.N’ubu turarindiriye kuko uwo muyagankuba ni kirumara cane cane ni kimwe mu bimenyetso vyerekana urugero igihugu kiba kigezeko mw’iterambere.Ni navyo n’abashaka kuzana imitahe barabirako. Igisagara ca Bujumbura nk’akarorero ntigishobora gusa neza canke kugira ubuzima bwiza kitagira umuyagankuba ukwiye.Aho tugeze usanga ibisagara birangwa no kwakaka, eka uturere twose tukaba tubona tubona.N’umutekano uraheza ukiyongera. Ndipfuzako abajejwe ivyo vy’umuyaankuba boza baramenya neza ko Bujumbura ari umurwa mukuru w’igihugu bakabikorerako kugira ngo ntiduhave dusanga mu misi iza ata bisagara bikomeye dufise(dusange vyose vyabaye villes secondaires).Honifashishwa ubundi buryo (izuba,..) muga abaronka amasoko cankeabazana imitahe muri ivyo bakaba abantu babishoboye atari abaje kurya amahera gusa. Eka mbere na Regideso uravye imikorere yayo yohindura bimwe bikomeye (bikenewe bagakoresha ikibazo abakozi kugira hatwarwe n’abahinga bafise ubumenyi n’ishaka ryo guteza imbere ico gisata). Iterambere ririrwa kandi riragurwa. Ni tugerageze tuve misi yose mu mvugo za politique ahubwo turabe inzira nyazo zo kuzamura ubutunzi.Bikenewe ko haba ibihinduka mu buryo ibisata bitunganijwe(ubuyobozi, uburyo bwo gukora,...) bikorwe. Nk’ubu ibi bintu usanga umwanya wose ari kwimba amabarabara iyo hari panne, kaburimbo zigakatwa ku musi ku musi,... vyari bikwiye kwigwa kuko hari aho batakibigira kandi batadusumvya uburyo bw’ubwenge canke ibikoresho). Ibi usanga ibiti vy’amatara vyaguye ntibikorwe, intsinga ugasanga ziri hanze zidakingiwe,ibice bimwe bikamara imisi atamatara kandi atagikorwa (pannes non réparées),....vyose birashobora gutorerwa inyishu bukebuke.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.