IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyeporitike bahamagarirwa kuganira kw’ishirwaho ry’umurwi utegura (...)

Abanyeporitike bahamagarirwa kuganira kw’ishirwaho ry’umurwi utegura amatora

lundi 2 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe bamwe mu banyeporitike b’Uburundi bavuga ko hatabaye ibiganiro bikwiye ku bijanye n’igikorwa c’ukwiga ivyohinyanyurwa mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi, mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bamenyesha ko icihutirwa ubu ari imyiteguro y’amatora yo mu mwaka w’2020, hamwe n’ibiganiro kw’isubirizwa ry’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora.

Jean Claude KARERWA NDENZAKO, umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi agira ati : "Ubu ibigezweho ni ukuganira ibijanye n’ugushiraho umurwi ujejwe gutegura amatora mu Burundi kuko mu kwezi kwa 12 umurwi uhari uzoba uhejeje ikiringo cawo. Harageze ko abanyeporitike batangura kuraba ingene gushika mu kwezi kw’icumi na kabiri hojaho umurwi uhuza bose, abantu bose ntibazohave bavuga ko uwo murwi wagiyeho batavuganye."

JPEG - 937.1 ko
Jean Claude KARERWA NDENZAKO, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Mu kiganiro c’abavugizi b’inzego zose za Reta y’Uburundi cabaye kuri uwu wa gatanu mu ntara ya Ngozi, Jean Claude KARERWA yamenyesheje ko n’inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2020, ibiganiro bizoguma bibandanya, ariko ku bwiwe ubu ivyihutirwa akaba ari ivy’ugutegura amatora ya 2020.

"Abarundi bazoganira ibijanye n’amazi, ibijanye n’indero, ibijanye n’imico kama. Ibibazo bizokwamaho."

Mu biro vy’umukuru w’igihugu bakaba basaba abanyeporitike gutangura kwiyumvira ivy’ishirwaho ry’uwo murwi ujejwe gutegura amatora.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.