IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanywanyi b’umugambwe MSD basabwa gutanga ivyemezo ku vyabaye mu (...)

Abanywanyi b’umugambwe MSD basabwa gutanga ivyemezo ku vyabaye mu Burundi

mardi 3 Gitugutu 2017

Mw’ikete ry’umugambwe MSD ku banywanyi bawo ryo kw’igenekerezo rya 2 Gitugutu 2017,uwo mugambwe umenyesha ko imbere y’uko ingingo zibiri harimwo iyirabana n’umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’icegeranyo c’amatohoza c’uwo murwi ku Burundi zemezwa I Geneve habanje kuba impari zituma haba umurwi w’ibihugu vya Afrika usohora urwandiko.

Muri iryo kete ,umugambwe MSD uvuga ko icatumye umurwi w’ibihugu vyo muri Afrika usohora urwandiko,kwari ukugira babuze sentare mpanavyaha mpuzamakungu gukora amatohoza k’Uburundi nkuko vyari vyasabwe n’umurwi wa ONU wakoze amatohoza.

Umugambwe MSD uvuga ko igitangaje ariko ko ar’uko mu bihugu vya Afrika nyene hari ivyashigikiye urwandiko rw’ibihugu vya Buraya rusaba ko ikiringo c’umurwi wa ONU ukora amatohoza k’Uburundi congerezwako umwaka.

Mu kurangiza,umugambwe MSD usaba abanywanyi bawo kugira uruhara mu gihe cose hazoba hageze kwegeranya ivyemezo bizotuma abakoze ivyaha barengutswa imbere y’ubutungane.

Imbere y’uko uwo murwi w’abahinga ba ONU wongerwa ikiringo, ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu bwari bwamenyesheje ko Reta y’Uburundi itazokwemera ko umugwi ugizwe n’abahinga ba ONU bajejwe amatohoza ku mabi yabaye mu Burundi kuva mu kwezi kwa ndamukiza 2015 wongerwa ikiringo c’umwaka, kuko hariho umurwi inama nshingamateka iheruka gushiraho kugira urabe ko ivyagirizwa inzego za Reta arivyo.

Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu Martin NIVYABANDI asigura ko n’aho bohindura abagize uwo murwi, Reta y’Uburundi itazokwemera kuko ivyama bishikirizwa n’uwo murwi aba ari ibinyoma.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.