IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi 128 bahora bapfungiwe muri Kongo bashikirijwe Reta y’Uburundi

Abarundi 128 bahora bapfungiwe muri Kongo bashikirijwe Reta y’Uburundi

mercredi 1er Ruhuhuma 2017

Abarundi 128 bahora bapfungiwe mu mabohero atandukanye mu buseruko bwa Repubika iharanira intwaro rusangi ya Congo,barashikirijwe igihugu c’Uburundi kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 31 Nzero umwaka wa 2017. Umushikiranganji w’ubutungane ari mu bategetsi b’Uburundi babakiriye ku rubibe.

Buramatari w’intara ya Sud Kivu muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo niwe yashikirije abo barundi Reta y’Uburundi,ahagarikiwe na HCR,MONUSCO n’ishirahamwe CIRGL.

Umushikiranganji w’ubutungane Aimee Laurentine KANYANA yari yaherekejwe n’umushikirizamanza kizigenza wa Republika ari kumwe na Buramatari w’intara ya Bujumbura.

Mw’ijambo ryiwe,umushikiranganji w’ubutungane Aimee Laurentine KANYANA yavuze ko babakira neza nk’abarundi bose,babashikize mu kigo kibigisha inyigisho zo gukunda igihugu,kandi ko atawovuga ko bari abarwanyi mu gihe amatohoza ataraba ngo bamenyekane ivyabo.

Aimee Laurentine KANYANA yavuze ko inyuma yo kumenya imyidondoro umwe wese bazoca bamurungika mu muryango iwe.

Mwomenya ko hari abarundi 47 banse gutahuka mu Burundi bavuga ko batinyirira umutekano wabo.


IGIHE

Messages

  • Ibaze nawe abo bantu nibagera muri SNR.. STEVE niwe aca atanga intumbero, muri abo hazosigara bake. Hinge gato barabambika beret rouge. Naho ibihano cogupfa cahavuye mu ba dd cagumyeho, barafise n’imirwi ijejwe gushahura n’ayandi mahano. Ark ubwo bwicanyi bwose babuvanga nogusenga, bagategura ibikorane 2- 3 ku mwaka vyogusinziriza za nkandagirabitabo. Ntibaniyumvira ngo babahe kumahera bivye bakaja kuyanyegeza mu ma banque yo muri Kenya, Singapore, zimbabwe n’ahandi, babizeza kubaha gusa imisururu nobacura bufuni nabuhoro

  • Uburundi uwutobwitondera yobubera ifumbire .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.